#661
Harih’igihe nagendeye mu butamenya
Umuco 2
Couplet 1
Harih’igihe nagendeye mu butamenya, Nibaza yuko je ngororotse, Arik’Umwami Yesu Yarampamagaye, Ati «Ngwino Mwana, ndakubabariye.»
Refrain
(Yesu) Ni We Bugingo bwanje, ni We Buhungiro, (Kandi) Ni We Yantoranije ntaramumenya, {Ubu niyemeje kuzomugum’ inyuma.} x2
Couplet 2
Harih’igihe nagendeyemwo nishushanya, Nca ndicuza nt’ewe Mukiza, Ubu nzany’ ivyangora vyos’ Unyiganzire, Nduhuke Mwami ndagukorere.
Refrain
(Yesu) Ni We Bugingo bwanje, ni We Buhungiro, (Kandi) Ni We Yantoranije ntaramumenya, {Ubu niyemeje kuzomugum’ inyuma.} x2
Couplet 3
Harih’igihe nagendeyemwo niganyira, Nits’umutima nihebuye, Nabona yukw’ata woshobora kunkiza, Nca numv’ijwi mbon’ Uwambambiwe.
Refrain
(Yesu) Ni We Bugingo bwanje, ni We Buhungiro, (Kandi) Ni We Yantoranije ntaramumenya, {Ubu niyemeje kuzomugum’ inyuma.} x2
Couplet 4
Harih’igihe nari naratay’iyi Nzira, Ariko Yesu Yarampariye, Ansubiza mu Kuri kw’Ijambo Rizima, Nca ndihana ubu nshim’Imana.
Refrain
(Yesu) Ni We Bugingo bwanje, ni We Buhungiro, (Kandi) Ni We Yantoranije ntaramumenya, {Ubu niyemeje kuzomugum’ inyuma.} x2
Couplet 5
Ubu n’igihe co kwemangir’ Umwami wanje, Ndamubwire n’abatamuzi, Wewe mwene Data hamwe na mushikanje, Nimuze rero dushing’intahe.