Indirimbo Zikundwa Open in the app

#655

Kuva kuri yohani batista

Umuco 2

Couplet 1

Kuva kuri Yohani Batista, No kuri ba Petero bose, Ijuru n’ubu rirabandanirwa, Ab’Imana ni bo Bazinjira.

Refrain

Fungura wonger’ ufungure, Fungura Ijambo ry’Imana! Ubu Urugendo rur’imbere yacu, Rudusaba kwumvir’ Ijambo.

Couplet 2

Bene Data na bashiki banje, Mpwemu wa Kristo Atubwira, Kw’Ijambo Ryiwe atar’imigani, Kw’Ijambo Ryiw’ ar’Ukuri kuzima.

Refrain

Fungura wonger’ ufungure, Fungura Ijambo ry’Imana! Ubu Urugendo rur’imbere yacu, Rudusaba kwumvir’ Ijambo.

Couplet 3

Dusabe Yesu Imana yacu, Kubana natwe imisi yose, Kuko tutari muri Yesu Kristo, Mu vy’ukuri twe ntaco twokora.

Refrain

Fungura wonger’ ufungure, Fungura Ijambo ry’Imana! Ubu Urugendo rur’imbere yacu, Rudusaba kwumvir’ Ijambo.

Couplet 4

Ijambo ry’Imana ni ryo Kuri, Kuko tutagumye muri Kristo, Nta kintu ciza na kimwe twokora, Kukw’ Inkomezi ar’iza Kristo.

Refrain

Fungura wonger’ ufungure, Fungura Ijambo ry’Imana! Ubu Urugendo rur’imbere yacu, Rudusaba kwumvir’ Ijambo.

Couplet 5

Kandi tugumye mu Mwami wacu, Ijambo ryiwe riri muri twebwe, Ico dusavye kizotuber’uko, Kuko n’Isezerano ry’iwacu.

Refrain

Fungura wonger’ ufungure, Fungura Ijambo ry’Imana! Ubu Urugendo rur’imbere yacu, Rudusaba kwumvir’ Ijambo.

Couplet 6

Umwami Yes’Araturemesha, At’ «Intambara zose mucamwo, Ntimutinye mwe nimwizere gusa, Kuko Jew’Ubwanje turi kumwe».