#654
Ikinezereza mu mutima wanje
Umuco 2
Couplet 1
Ikinezereza mu mutima wanje, N’ukw’Ijambo ry’Imana ar’Ukuri, Kwamyeho, kuriho kandi kuzohoraho, Ubu n’ibihe bidashira, {Nimuze turyizere kandi turigendere, Naryo ntirizotumaramaza.} x2
Refrain
Ikangure, uve mw’itiro, Ambar’ inkomezi z’Imana, Zibonekera mu Kwizer’Ukuri, Gendera mw’Ijambo Ryayo, {Ukor’Ic’ Iman’Ishaka.} x2
Couplet 2
Ikinezereza mu bugingo bwanje, N’ukw’Imana Yambaye umubiri, Ikaza mur’iyi si Ikaducungura, Yesu Krist’Umukiza wacu, {Yaduhaye gucika Abana b’Imana, Abiduha ku bw’Ubuntu gusa.} x2
Refrain
Ikangure, uve mw’itiro, Ambar’ inkomezi z’Imana, Zibonekera mu Kwizer’Ukuri, Gendera mw’Ijambo Ryayo, {Ukor’Ic’ Iman’Ishaka.} x2
Couplet 3
Igikorwa cakozwe ku Musaraba, Kirahambaye cane bene Data, Ntitubamb’ Umwami ubugira kabiri, Ni ko n’Ijambo ridusaba, {Umwami wacu Yesu Yaraducunguye, Nimuze yemwe twumvir’ Ijambo.} x2
Refrain
Ikangure, uve mw’itiro, Ambar’ inkomezi z’Imana, Zibonekera mu Kwizer’Ukuri, Gendera mw’Ijambo Ryayo, {Ukor’Ic’ Iman’Ishaka.} x2
Couplet 4
Igikorw’Umwami Yesu Yadukoreye, Ntikize cibagirane na gato, Kizokwame kibwirw’ Abana b’Imana, Kw’Imana Yatabay’Abayo, {Ikabarokor’ Ibakuye mu buzimire, Maz’Ibagarukana mu Muco.} x2
Refrain
Ikangure, uve mw’itiro, Ambar’ inkomezi z’Imana, Zibonekera mu Kwizer’Ukuri, Gendera mw’Ijambo Ryayo, {Ukor’Ic’ Iman’Ishaka.} x2
Couplet 5
Ndashimiye Umwami wacu Yesu Kristo, Ku migabo myiza Adufitiye, Yo kugira ngo tuzohorane na We, Tuzobane na We mw’Ijuru, {Dukeneye rero kwambara Ijambo, Twitegurire Ukuza Kwiwe.} x2
Refrain
Ikangure, uve mw’itiro, Ambar’ inkomezi z’Imana, Zibonekera mu Kwizer’Ukuri, Gendera mw’Ijambo Ryayo, {Ukor’Ic’ Iman’Ishaka.} x2
Couplet 6
No muri iki gihe kibi c’Iherezo, Ubugarariji ni bwinshi cane, Guha agaciro Ijambo ry’Imana, Ico ni c’Imana Idusaba, {Ni vyo biduha kuba mu Nyonga z’Imana, Tukaba kure y’ivyo mur’iyi si.} x2