Indirimbo Zikundwa Open in the app

#654

Ikinezereza mu mutima wanje

Umuco 2

Couplet 1

Ikinezereza mu mutima wanje, N’ukw’Ijambo ry’Imana ar’Ukuri, Kwamyeho, kuriho kandi kuzohoraho, Ubu n’ibihe bidashira, {Nimuze turyizere kandi turigendere, Naryo ntirizotumaramaza.} x2

Refrain

Ikangure, uve mw’itiro, Ambar’ inkomezi z’Imana, Zibonekera mu Kwizer’Ukuri, Gendera mw’Ijambo Ryayo, {Ukor’Ic’ Iman’Ishaka.} x2

Couplet 2

Ikinezereza mu bugingo bwanje, N’ukw’Imana Yambaye umubiri, Ikaza mur’iyi si Ikaducungura, Yesu Krist’Umukiza wacu, {Yaduhaye gucika Abana b’Imana, Abiduha ku bw’Ubuntu gusa.} x2

Refrain

Ikangure, uve mw’itiro, Ambar’ inkomezi z’Imana, Zibonekera mu Kwizer’Ukuri, Gendera mw’Ijambo Ryayo, {Ukor’Ic’ Iman’Ishaka.} x2

Couplet 3

Igikorwa cakozwe ku Musaraba, Kirahambaye cane bene Data, Ntitubamb’ Umwami ubugira kabiri, Ni ko n’Ijambo ridusaba, {Umwami wacu Yesu Yaraducunguye, Nimuze yemwe twumvir’ Ijambo.} x2

Refrain

Ikangure, uve mw’itiro, Ambar’ inkomezi z’Imana, Zibonekera mu Kwizer’Ukuri, Gendera mw’Ijambo Ryayo, {Ukor’Ic’ Iman’Ishaka.} x2

Couplet 4

Igikorw’Umwami Yesu Yadukoreye, Ntikize cibagirane na gato, Kizokwame kibwirw’ Abana b’Imana, Kw’Imana Yatabay’Abayo, {Ikabarokor’ Ibakuye mu buzimire, Maz’Ibagarukana mu Muco.} x2

Refrain

Ikangure, uve mw’itiro, Ambar’ inkomezi z’Imana, Zibonekera mu Kwizer’Ukuri, Gendera mw’Ijambo Ryayo, {Ukor’Ic’ Iman’Ishaka.} x2

Couplet 5

Ndashimiye Umwami wacu Yesu Kristo, Ku migabo myiza Adufitiye, Yo kugira ngo tuzohorane na We, Tuzobane na We mw’Ijuru, {Dukeneye rero kwambara Ijambo, Twitegurire Ukuza Kwiwe.} x2

Refrain

Ikangure, uve mw’itiro, Ambar’ inkomezi z’Imana, Zibonekera mu Kwizer’Ukuri, Gendera mw’Ijambo Ryayo, {Ukor’Ic’ Iman’Ishaka.} x2

Couplet 6

No muri iki gihe kibi c’Iherezo, Ubugarariji ni bwinshi cane, Guha agaciro Ijambo ry’Imana, Ico ni c’Imana Idusaba, {Ni vyo biduha kuba mu Nyonga z’Imana, Tukaba kure y’ivyo mur’iyi si.} x2