#638
Umwami Yesu yarasezeranye
Umuco 2
Couplet 1
Umwami Yesu Yarasezeranye, Isezerano rizima turyizere-e-e, Ni ryo turabirwamwo mu gihe cacu.
Refrain
Kuguma mw’Isezerano, N’ukwizer’ ukizigira, Ivy’Imana Yasezeranye mu gihe cawe, {Kuko ni vyo Iturabiramwo.} x2
Couplet 2
Isezerano ry’Imana ntirihinduka, Mu gihe cos’Imana Irabirabayo, Mw’Isezerano Ryayo ry’igihe cabo.
Refrain
Kuguma mw’Isezerano, N’ukwizer’ ukizigira, Ivy’Imana Yasezeranye mu gihe cawe, {Kuko ni vyo Iturabiramwo.} x2
Couplet 3
Dufis’Isezerano ry’igihe cacu, Ntuzovuga kw’ataco wumvise ncuti, Kand’ Ubuhanuzi bwarasemerewe.
Refrain
Kuguma mw’Isezerano, N’ukwizer’ ukizigira, Ivy’Imana Yasezeranye mu gihe cawe, {Kuko ni vyo Iturabiramwo.} x2
Couplet 4
Gur’Ukwizer’ Ugumy’ Isezerano, Fat’Umugabane Wawe nturekure, bitume mu gihe kiz’uragw’ Ubugingo.
Refrain
Kuguma mw’Isezerano, N’ukwizer’ ukizigira, Ivy’Imana Yasezeranye mu gihe cawe, {Kuko ni vyo Iturabiramwo.} x2
Couplet 5
Ntiwirengagiz’imburi nziza nk’iyi, Ibuk’igihe ca Nowa n’ica Loti, Mbega woba wumvise vyagenze gute?