Indirimbo Zikundwa Open in the app

#637

Igihe nashika ku musaraba

Umuco 2

Couplet 1

Igihe nashika ku Musaraba, Umwami wanje Yaranyakiriye, Nterwa n’agahinda n’imibabaro, Nawe Yari Yishimiye kunkiz’ivyaha, Nzohora mushimir’ Umwami wanje.

Refrain

Nzomukurikira Yesu, Nzomuririmbira Yesu, Nzomukurikira hose, No mu rupfu Nzomukund’ Umwami wanje.

Couplet 2

Ibihe vyinshi naramuretse Yesu, Sinarinz’ Inzira ya Yes’Umwami, Yarandondeye nzimiriye kure Ye, Aho nababazwa ijoro n’umurango, Ubu nzomukurikira no mu rupfu.

Refrain

Nzomukurikira Yesu, Nzomuririmbira Yesu, Nzomukurikira hose, No mu rupfu Nzomukund’ Umwami wanje.

Couplet 3

Sinipfuza gusubira inyuma, Ngo mbe kure ya Yes’Umwami wanje, Nawe azomba hafi iteka ryose, Azomber’ Umuco mu mwiza mwinshi, Abigirir’ uwizeye, naw’ingo.

Refrain

Nzomukurikira Yesu, Nzomuririmbira Yesu, Nzomukurikira hose, No mu rupfu Nzomukund’ Umwami wanje.

Couplet 4

Yesu ndamwibuka n’ikigongwe cinshi, Nta wundi yari kunyitangira artyo, Nzoguma kuri We, Arankiza rwose mu bikomeye, N’Umurokozi Mwiza, Nanje no mu rupfu sinzomurekura.

Refrain

Nzomukurikira Yesu, Nzomuririmbira Yesu, Nzomukurikira hose, No mu rupfu Nzomukund’ Umwami wanje.

Couplet 5

Ndashima ku bwa Mpwemu Yera w’Imana, Anyegereza Umucunguzi wanje, Icomp’ Ukanyigish’ivya Yesu vyose, Nkakor’ ibitamubamba ubwa kabiri, Ndamwumvire hose gushitsa iteka.

Refrain

Nzomukurikira Yesu, Nzomuririmbira Yesu, Nzomukurikira hose, No mu rupfu Nzomukund’ Umwami wanje.