Indirimbo Zikundwa Open in the app

#609

Iyi si ndimwo Mwami iranduhije

Umuco 2

Couplet 1

Iyi si ndimwo Mwami iranduhije cane, Mbaye nkivuka mw’isi nca mbon’ ibindusha, umubiri wanje nawo ukamber’ ikigwisha, kurya no kwambara kwanje kwambujije Ijuru.

Refrain

{Ewe Mana (yanje)..., Ewe Mwami wanje, Mfasha nger’Iwawe.} x2 Ubu meze Mwami wanje nka wa mwambuzi mubi, yar’abambw’i buryo bwawe, atak’ati:”Mana mbambwe ku bw’ivyaha vyanje, Wewe nta cah’Ufise, Uz’Unyibuke Mwami mu Bwami bwawe!

Couplet 2

Mfis’abavandimwe banje baranyiyamiriza, abagenzi banje na bo bakampa ak’amenyo, abakunzi banje na bo bakamber’ ikigwisha,

Couplet 3

Uz’Unyibuke Mwami mu Bwami bwawe.

Refrain

{Ewe Mana (yanje)..., Ewe Mwami wanje, Mfasha nger’Iwawe.} x2 Ubu meze Mwami wanje nka wa mwambuzi mubi, yar’abambw’i buryo bwawe, atak’ati:”Mana mbambwe ku bw’ivyaha vyanje, Wewe nta cah’Ufise, Uz’Unyibuke Mwami mu Bwami bwawe!

Couplet 4

Narababajwe Mana nzira Izina ryawe, Umugwanizi yashaka yuko ritovugwa, Ariko Warihesheje Icubahiro cawe, Izina ryawe Yesu ni ryo Ryanesheje.

Refrain

{Ewe Mana (yanje)..., Ewe Mwami wanje, Mfasha nger’Iwawe.} x2 Ubu meze Mwami wanje nka wa mwambuzi mubi, yar’abambw’i buryo bwawe, atak’ati:”Mana mbambwe ku bw’ivyaha vyanje, Wewe nta cah’Ufise, Uz’Unyibuke Mwami mu Bwami bwawe!

Couplet 5

Ico nogusaba Mana n’uko Wonzigama, Tukirat’ Izina ryawe rikaja hejuru, Abanyamareba nabo bakamaramara, Uz’Unyibuke Mwami mu Bwami bwawe.