Indirimbo Zikundwa Open in the app

#607

Iki gihe tugezemwo Mwami

Umuco 2

Couplet 1

Iki gihe tugezemwo Mwami, Ni We nipfuza gusa, Ndetse n’Ubugingo bwanje Yesu, N’ubwo gutabarwa.

Refrain

Mwami wanje, Mana yanje, Untabar’uyu musi, Ku bw’ingoyi za Satani, Nkura mu maboko ye.

Couplet 2

Urukundo wankundaga Yesu, Na n’ubu ni rw’Unkunda, None ndakugarutseko Mwami, Nyakira, Nyakira.

Refrain

Mwami wanje, Mana yanje, Untabar’uyu musi, Ku bw’ingoyi za Satani, Nkura mu maboko ye.

Couplet 3

Ivyo Wantegetse vyose Yesu, Ntabwo ndabishoboye, Nakoz’ ibikubabaza Mwami, Non’Umbabarire.

Refrain

Mwami wanje, Mana yanje, Untabar’uyu musi, Ku bw’ingoyi za Satani, Nkura mu maboko ye.

Couplet 4

Mu misi nsigaje mw’isi Mwami, Mfasha kugukorera, Unshoboze kwambuka rwa ruzi, Mbon’Abera bose.

Refrain

Mwami wanje, Mana yanje, Untabar’uyu musi, Ku bw’ingoyi za Satani, Nkura mu maboko ye.

Couplet 5

Ivyo ni Wabinshoboza Yesu, Nzirat’ Intsinzi yawe, Nyoboz’ Ukugororoka Mwami, Name Nkuyoboka.