#606
Ni wewe mfise mw’ijuru
Umuco 2
Couplet 1
Ni Wewe mfise mw’Ijuru gusa, Kandi ni Wewe nizigiye, Kandi ni We Mana yanje.
Refrain
Nta wundi nta wundi... Ni Wewe gusa nizigiye, Kandi nta wundi nzokwizera, atar’Umwami Yesu.
Couplet 2
Ni We Waremy’Isi n’Ijuru, ibiboneka n’ibihishijwe, Vyose ni biguhimbaze.
Refrain
Nta wundi nta wundi... Ni Wewe gusa nizigiye, Kandi nta wundi nzokwizera, atar’Umwami Yesu.
Couplet 3
Dutumbere Yesu Wenyene gusa, We nyanduruko yo Kwizera, kandi Yagusozereye.
Refrain
Nta wundi nta wundi... Ni Wewe gusa nizigiye, Kandi nta wundi nzokwizera, atar’Umwami Yesu.
Couplet 4
Ico dukwiye kwihanganira, N’ugutozwa indero nziza gusa, Imana Itugirira.
Refrain
Nta wundi nta wundi... Ni Wewe gusa nizigiye, Kandi nta wundi nzokwizera, atar’Umwami Yesu.
Couplet 5
Ukwizera ni kwo kwatumye Henoki ajanwa mw’Ijuru ngo ntabon’ urupfu, Ntiyongera kuboneka.
Refrain
Nta wundi nta wundi... Ni Wewe gusa nizigiye, Kandi nta wundi nzokwizera, atar’Umwami Yesu.
Couplet 6
Ni We wambereye Umuvyeyi, Ubuzimire bwatwadutsemwo, Ucurura umutima wanje.
Refrain
Nta wundi nta wundi... Ni Wewe gusa nizigiye, Kandi nta wundi nzokwizera, atar’Umwami Yesu.
Couplet 7
Ewe Mwami Yesu reka nguhimbaze, Ni We Wenyene wo Kwizigirwa, Kandi Ntiwivuguruza.
Refrain
Nta wundi nta wundi... Ni Wewe gusa nizigiye, Kandi nta wundi nzokwizera, atar’Umwami Yesu.
Couplet 8
Ukwizera kwatumye Nowa yubaha, amaze kuburirwa n’Imana, ibitari bwaboneke.
Refrain
Nta wundi nta wundi... Ni Wewe gusa nizigiye, Kandi nta wundi nzokwizera, atar’Umwami Yesu.
Couplet 9
Mwami Yesu n’uze Udufashe, Duh’inkomezi zo Kukwizera, Twongerereze Ukwizera.