Indirimbo Zikundwa Open in the app

#601

Uhoraho ntaco watwimye

Umuco 2

Couplet 1

Uhoraho ntaco watwimye, Iyo turavy’ Igikorwa cawe, Watanguriye ku Musaraba, Ubu twirat’ Intsinzi yawe, Uhoraho twarakwizeye, Ntituzigera dusegenyeshwa, N’ah’imipfunda yosuriranya, Turi mw’Izina ry’Uwanesheje.

Couplet 2

Amaraso yawe Mukiza, Uwuhishuriwe akizera, Ubu ni y’atwoz’ ivyaha vyose, akatugir’ Abana b’Imana.

Couplet 3

Wadukuye habi Mukiza, Dutanguye gusenga Bayali, Ico gih’ijuru ryarakinzwe, Non’ubu wararyuguruye.

Couplet 4

Bamw’ubu baraguhinduye, Bakwitir’ amazina y’abantu, Arikw’ico tuzi ni kimwe, N’uk’utaziger’ uhinduka.

Couplet 5

Shemezwa Yesu n’Uhimbazwe, Ni We wenyene wo Gusengwa, Yesu Kristo w’i Nazareti, Icubahiro kib’Icawe.

Couplet 6

Ijambo ryawe n’iry’Ukuri, Kenshi turasom’ Ijambo ryawe, Rikatwerek’ ibigiye kuza, Tukibaz’abo bizoshikako.

Couplet 7

Non’ubu biri hagati yacu, Ariko Mwami Yesu n’Ushimwe, Ko harih’ amasigarira, Yanse gupfukamira Bayali.

Couplet 8

Raba kand’abana bawe Mwami, Baritegerez’ Ijambo ryawe, N’ukuryumva ndetse bakaryumva, Ariko bikanka ko bizera.

Couplet 9

Uhoraho duh’inkomezi, Zishike ku Bana bawe bose, Dushobore kwizer’ Ijambo, Kuko ni ryo rizotuzamura.

Couplet 10

Umwami Yes’Aratubaza, Kw’ah’ Azohagarara mu bicu, Azosang’ Ukwizera mw’isi, Niwibaze nawe wihanure.