#586
Abigishwa b’umwami wacu
Umuco 2
Couplet 1
Abigishwa b’Umwami wacu Yesu, batanguye kugenda bamuvako; Abaza Petero n’izindi Ntumwa, Ati “Mbega mwe ntimugomba kwigira”?
Refrain
Uja hehe ni wava kwa Yesu? Jewe mbona kw’ata wundi yombumba; Mwami Yesu n’Umfashe ngum’ Iwawe, nta handi noronk’ Uburuhukiro.
Couplet 2
Petero ati: “Tuje kwa nde ga Mwami, Kw’ari W’Ufise Ijambo ry’Ubugingo; Twarizeye tumenya k’Ur’Umwami Kw’ari Wewe ur’Umwana w’Imana”.
Refrain
Uja hehe ni wava kwa Yesu? Jewe mbona kw’ata wundi yombumba; Mwami Yesu n’Umfashe ngum’ Iwawe, nta handi noronk’ Uburuhukiro.
Couplet 3
N’ubu muri iki gihe ca nyuma, benshi barataye Ijambo ry’Imana; Bakunda impiya no kudamarara, bakihakana Amaraso ya Yesu.
Refrain
Uja hehe ni wava kwa Yesu? Jewe mbona kw’ata wundi yombumba; Mwami Yesu n’Umfashe ngum’ Iwawe, nta handi noronk’ Uburuhukiro.
Couplet 4
Iki gihe benshi bamenye Yesu, batanguye kugenda bamuvako; Satan’ arabatwara buke buke, mbega namwe muragomba kwigira?
Refrain
Uja hehe ni wava kwa Yesu? Jewe mbona kw’ata wundi yombumba; Mwami Yesu n’Umfashe ngum’ Iwawe, nta handi noronk’ Uburuhukiro.
Couplet 5
Ncuti yanje wewe wamenye Yesu, Mugumeko Akuber’ Uwambere; Ntumuveko ku bw’ibigeragezo, Wokura heh’uwund’ ameze nka We?