#584
Nabony’umwami yes’ar’umutabazi
Umuco 2
Couplet 1
Nabony’Umwami Yes’Ar’ Umutabazi, Nari kuzapfira mur’iyi si mbi, Arik’Umwami kuko We Yankunze, Nasanze har’Inzira Yanciriye; {Nuko rero ubwo navuye mw’isi, ntangir’iyo Nzira Yanciriye, nubwo nahasanze Umusaraba, ariko nahabonye Umwami Yesu.} x2
Couplet 2
Ku bw’ukwizera nkomeza kwihangana, ngo sinanirwe mpush’ Ubwami bw’Abera, Satan’akaza ngw’amanur’ ikuzimu, Nkaramirwa n’Ukuboko kw’Iyandemye; {Umwam’Akaza Akabana nanj’iteka, izo Ntambara zos’Akazingwanira. Ndetse n’izantsindaga hasi zose, nta bubasha zifise naranesheje.} x2
Couplet 3
Umwami Yesu n’Umutanga-Bugingo, Yanyerets’ ukuntu Yangwaniriye, nsanga jew’ubwanje ntari kunesha. Non’Umwami wanj’ Ashirwe hejuru; {Ku bw’Urukundo Imana Yankunze, Yahisemwo kungwanira rukamvye, nanje mpitamwo kutamuv’ inyuma, Anyemerera kuzabana Nawe.} x2
Couplet 4
Mbeg’Urukundo nakunzwe nawe Yesu, Kubon’ uteg’amatw’ ugusenga kwanje. Ngitangazwa n’ubwo Buntu nagiriwe nkameny’ Ukuri nkitw’ umwana w’Imana; {Umwam’ati: “Ker’is’itarabaho, ijuru n’ibituye kw’isi vyose, Nari ngufise mu Masezerano, Kand’ ugomba gusubir’aho wahoze”.} x2
Couplet 5
Ati “Urugamba rugiye gushira, Abo nakunze bambikw’ Ibitsibo, Bamwe bihanganiy’ umusaraba, Bagacibw’ amazosi ku bw’ukwizera; {Bamwe bapfukama basabir’ Abera, Bamwe bakor’ ibinezer’ Umukiza, Bose ngiye kubagororera vuba, Mbibagiz’ ubutame batamye mw’isi”.} x2