#583
Yesu ariko atumira
Umuco 2
Couplet 1
Yes’Ariko Atumira, Mu mpande zose z’iyi si; {At’ “Uwizer’ Ibikowa nkora, na we nyene Azobikora.} x2
Couplet 2
Inkomezi n’Ubuzima, biri mw’Ijambo ry’Imana; {Uwuryumviy’ aronk’Ubugingo, uwuryankiye aronk’Urupfu.} x2
Couplet 3
Abiyita ko basenga, mur’iyi si turimwo ni benshi; {Barabuze ukwirinda, baseng’ ibitagiramw’ Imana.} x2
Couplet 4
Imana duseng’irumva, bitayeko Irasubiza; {Yaratubwiye ko n’ingwara, nazo twizeye tuzozikira.} x2
Couplet 5
Twubatse kw’Itanguriro, ry’Intumwa n’Abavugishwa; {Ivyo bakoze n’ivyo bariye, Dusab’ Iman’Ibiduhe.} x2
Couplet 6
Intumwa ntizagwaragurika, Intumwa ntizasegerereza; {Intumwa ntaho ziganyira, Intumwa zakomeza gusenga.} x2
Couplet 7
Twubahure Mwami Yesu, Dukore dukoreshejwe nawe; {Satani n’Abadayimoni, basohoke mw’Ishengero ryawe.} x2
Couplet 8
Ni twaguma muri Yesu, Ijambo Ryiwe rikaba muri twe; {Dusab’ico tugomba cose, naco kizotubera kuno.} x2
Couplet 9
Turans’ingwara mw’Ishengero, Turans’ ubukene mw’Ishengero; {Imana yacu ntabw’ikenye, Twitange tuyih’ imitima.} x2
Couplet 10
Mw’Ishengero ntihab’ uwurira, canke ngo hab’uwiganyira; {Ivyo tugomba bimeny’ Imana, Mu gusenga no gukenguruka.} x2