#566
N’aho ngendera hagati y’amarushwa
Umuco 2
Couplet 1
Naho ngendera hagati y’amarushwa, Uhorah’ Imana yanj’ Izonzigama, Kukw’ari Yo Yantoranije kera, Ikamp’ Agakiza kayo ku Buntu.
Couplet 2
Ngendera mw’isi yiganziwe n’Umubi, kuyibamwo wizera birarusha.
Couplet 3
Ariko nzi yuk’Uhorah’ Ahambaye, Ari ku ruhande rw’abamwubaha.
Couplet 4
Iyi si ni ko yahoze kuva kera, kuv’icaha kimaze kuyinjiramwo, Abana b’Imana vyamye bibagora, kuko bagwanir’ Ukwizera kwabo.
Couplet 5
Is’iraremerewe n’ivyaha vyinshi, nko mu gihe c’i Sodomu n’i Gomora; Harageze kw’Iman’ Itabar’Abayo, Ibakiz’ Uburake bugiye kuza.
Couplet 6
Mur’iki gihe tugezemwo ca nyuma, Twebw’ Ab’Imana Yagiriye Ubuntu, Dukwiye kugir’ ikanguro mu mitima, kandi tukuzura na Mpwemu w’Imana.
Couplet 7
Ndatakambish’ Uhoraho ijwi ryanje, ijwi ryanje ndaryingingish’ Uhoraho, Nipfuza kugenda nesh’uyu mubiri, Kugira mbeho mpimbar’ Umwami wanje.