#564
Mana y’abera ur’urukundo
Umuco 2
Couplet 1
Mana y’Abera ur’Urukundo, Kandi ur’Umunyenkomezi, kurush’ izindi mana zose, {Imbabazi Zawe nazo, Zamah’ ibihe bidashira.} x2
Refrain
Wangwaniy’ Urugamba rukomeye, Unnesherez’ icaha, Unzigamira mu Kwizera; {Nyemerera gusa, iri shimwe ryawe rihoreho, mu mutima wanje.} x2
Couplet 2
Aho icaha cagwiriye, Ubuntu bwararushirije, Bwirukan’ icaha ca kera; {Bunzanir’ umunezero, Bwimik’ amahoro y’Umwami.} x2
Refrain
Wangwaniy’ Urugamba rukomeye, Unnesherez’ icaha, Unzigamira mu Kwizera; {Nyemerera gusa, iri shimwe ryawe rihoreho, mu mutima wanje.} x2
Couplet 3
Ubu ngendera mu Muco wawe, Numva ijwi rimp’ Amahoro, Rintez’ intambwe mu Rugendo, {Ntabwo rincirakw’ iteka, N’Ubuntu bugerekeranye.} x2
Refrain
Wangwaniy’ Urugamba rukomeye, Unnesherez’ icaha, Unzigamira mu Kwizera; {Nyemerera gusa, iri shimwe ryawe rihoreho, mu mutima wanje.} x2
Couplet 4
Ijambo ryawe ni “Amen” gusa, Abawe ntibakor’icaha, Ubuntu burabazigama, {Gushik’ igih’Uzozira, Kutwerek’ ivy’Utubikiye.} x2
Refrain
Wangwaniy’ Urugamba rukomeye, Unnesherez’ icaha, Unzigamira mu Kwizera; {Nyemerera gusa, iri shimwe ryawe rihoreho, mu mutima wanje.} x2
Couplet 5
Ur’ikimazi Imana Yemera, Twarabonye mu Nyonga zawe, Ntitwakubonye mu mugongo; {Nzoharaba ntabwo nzopfa, Nzobah’Ibihe bidashira.} x2