#563
Umv’inzamba yo gutegerez’ umukwe
Umuco 2
Couplet 1
Umv’inzamba yo gutegerez’ Umukwe yamaze kuvuga, Ngw’ikangure mutegerez’ Umukwe, We Mugen’ ikangure witegure nguy’ Umukw’ Araje, Isezerano rigiye gutaha.
Refrain
{Ko wihangany’ ukaguma mu Kwizera Isezerano riratashe.} x2
Couplet 2
Umwami Yesu Yatanz’ Isezerano Agiye kurishitsa, kuko Wewe ntiyivuguruza. Abihangana bakagumy’ ukwizera kugeza kw’iherezo, Ni bo bazomusanganir’ Umukwe.
Refrain
{We Mugeni ambar’ Impuzu zera Umukw’Araje ageze ku Rugi.} x2
Couplet 3
Shir’amavuta mu Matara yanyu bicitw’uyu musi, Kukw’ imburi yaramaze kuvuga, Kukw’ata gihe co kugur’ Amavuta kizoba kikiriho, Kukw’ Umukwe Azob’ Amaze kuza.
Refrain
{Abiteguye bazomusanganira, hanyum’ Urugi ruzoca, rukingwa.} x2
Couplet 4
Har’abazoja kugur’ Amavuta, Umukw’ Amaze kuza, Bazosanga bamaze kwugaranwa. Hari n’abandi bamaze kwitegura n’amatar’ araka, n’Amavuta mu macupa yabo.
Refrain
{None Mugenzi, wob’ufis’ Amavuta? N’uyagure umwany’ ukiriho!} x2