#552
Kuva kera umwami Yesu
Umuco 2
Couplet 1
Kuva ker’Umwami Yesu Yamy’ Adukunda, Kugeza na n’ubu hos’Aracadukunda; Yaremeye kutwitangira ku Musaraba, Kugira ngw’Aducungure dukire.
Refrain
Mwami wanje Mwiza, Mpagaz’aha hantu hera ngo ngusenge numviriz’ Ijambo ryawe ku bw’ubushobozi, Kugira ryiganzir’ umutima wanje.
Couplet 2
Umwami ni We Yavuze aya Majambo “Uwugomba gukiza Ubugingo bwiwe, azobubura, arik’ uwuzoheb’ ubwiwe, Ku bwa Yes’uwo wenyen’ azoburonka”.
Refrain
Mwami wanje Mwiza, Mpagaz’aha hantu hera ngo ngusenge numviriz’ Ijambo ryawe ku bw’ubushobozi, Kugira ryiganzir’ umutima wanje.
Couplet 3
Ncuti yanje wumviriz’Ijambo ry’Imana Ubutumwa buravugwa nawe ntiwizere Umwami Yesu ni yaza uzogira gute? Mbega none wew’ uzomwishur’iki?
Refrain
Mwami wanje Mwiza, Mpagaz’aha hantu hera ngo ngusenge numviriz’ Ijambo ryawe ku bw’ubushobozi, Kugira ryiganzir’ umutima wanje.
Couplet 4
Bene Data dutegere duteg’ugutwi Ic’Ijambo ridusaba ku musi ku musi, Turyumvire turyizere tugume muri ryo, Tuzigamwe na ryo gushits’ iherezo.