#551
Yesu Kristo ni we nzira y’ukuri
Umuco 2
Couplet 1
Yesu Kristo ni We nzira y’Ukuri, Ni We mutwe w’Ishengero ry’Imana, Ni We curirizo co gishika Ahera, Ni We Mucunguzi Mwiza.
Refrain
Nzoririmb’ imbabazi nagiriwe, Nzoririmb’ Urukundo rw’Umukiza Nzokwirat’ Icubahiro c’Umwami, Uwundutira vyose, Yesu Kristo.
Couplet 2
Uwo ni We rya Jambo rihishuye, Ya Mfunguro y’Abera b’Umwami, Imwe benshi bipfuza bakabura, Kuk’Umwiza ari mwinshi.
Refrain
Yesu ni Muzima ibihe vyose, Afis’Izina ryiwe Yisangije, Ubutwari bwiwe burakomeye, Ni We Mwami w’abami umwe w’Ukuri.
Couplet 3
Umwami Yesu ni We munyakuri, Ni We Yats’Umuco mw’Ihanga ryiwe, Uwera wes’akagend’ ahabona, Mpwemu Yer’akidegemvya.
Refrain
Uwumuhamagay’ aramwitaba, Uwumwegereye ashir’ ubwoba, Uwumuriyeko ashir’inzara, Uwumunyoyeko ashir’inyota.
Couplet 4
Afis’ibimuranga Yisangije, Kugira ng’uwiwe wes’amumenye, Ntihagire n’umwe afatwa mpiri, N’umwansi Satani atwanka.
Refrain
Turahiriwe cane mwa Ntore mwe, Ko dufis’ uwatwitangiy’ imbere, None rero natwe ico twakora, Tumwereke vyos’ibitunaniza.
Couplet 5
Ku bwiwe twasohots’i Babuloni, Yonger’ Atwereka Inzira yiwe, Mbega yemwe ni nde yokora ivyo, Atari Inkomezi ziwe?
Refrain
Kanatsinda yaragez’ ikuzimu, Abohoz’Abiwe bari baboshwe, Umwansi asigara amaramara, Ehe n’uyu musi Arakomeza.
Couplet 6
None noreka gute kumushima, Ngo ndirimb’ Ubwiza bw’Uwo Mukunzi? Yatanz’ Ubugingo bwiwe ku bwanje no ku bwawe mwene Data.
Refrain
N’Uwera, n’Uwera Umwami wacu, nahabw’ impundu yemw’ Arabikwiye. Ivy’Akora nta n’umwe yovyigana, N’Iman’ Ikomeye Nyen’isi n’ijuru.
Couplet 7
Inkovu z’Umwami zirampagije, Amaraso yiwe arampagije, Kwumv’ Izina ryiwe bimp’ inkomezi, Nta yindi Mana nzosenga.
Refrain
Ivyo kubibona ni W’ubitanga, Uramfasha sinze nsubir’ inyuma, Igikorwa n’icawe Mana yanje, Ico nzi n’uko nd’umwe mu b’iwawe.