#544
Hagiye kuz’igihe
Umuco 2
Couplet 1
Hagiye kuz’igihe tutari bwabone Ah’abana b’Imana bazoja mw’Ijuru, Hakabaho n’isi mbi y’ubumaramare, Ku bantu bihakanye Umwana w’Imana.
Refrain
Eh’imis’iracariho yo kwumvir’ Ijambo, Kand’ irembo rya Yesu riracuguruye, {Wihute winjire ushike mu rugo, Kwa Yesu n’Ubuhungiro bukomeye.} x2
Couplet 2
Iherezo rya vyose ry’iyi s’izoshira, Abizeye Imana baronk’ Ubugingo, Intabarirwa nazo n’abanse kwizera, Satan’ abaj’ imbere bamukurikire.
Refrain
Eh’imis’iracariho yo kwumvir’ Ijambo, Kand’ irembo rya Yesu riracuguruye, {Wihute winjire ushike mu rugo, Kwa Yesu n’Ubuhungiro bukomeye.} x2
Couplet 3
Ivyo bibarirwa wewe wanse kwizera Uyu mus’ubutumwa buragushitseko, Menya neza ko Yes’ar’Umukiza wawe, Aruhur’ imitima y’abaremerewe.
Refrain
Eh’imis’iracariho yo kwumvir’ Ijambo, Kand’ irembo rya Yesu riracuguruye, {Wihute winjire ushike mu rugo, Kwa Yesu n’Ubuhungiro bukomeye.} x2
Couplet 4
Bene Data nimuze duhore tugavye, Dusab’ Umwami Yesu aduhe kunesha, Ngo tugende nk’Abera babay’abahizi, Ubu bararuhuts’aho bateguriwe.
Refrain
Eh’imis’iracariho yo kwumvir’ Ijambo, Kand’ irembo rya Yesu riracuguruye, {Wihute winjire ushike mu rugo, Kwa Yesu n’Ubuhungiro bukomeye.} x2
Couplet 5
Ijambo ry’Agakiza twahawe n’Umwami, Ni ryo riduha gushikama mu Rugendo, Rimurik’ahatabona mu mwiza w’isi Rizoduha kwumva ya nzamba ni yavuga.