Indirimbo Zikundwa Open in the app

#512

Twebw’abashikwako n’iherezo

Umuco 2

Couplet 1

Twebw’abashikwako n’Iherezo ry’ibihe, Tur’abahirwe b’Umwam’ Imana, kuko tugenda tubon’ Ivyavugishijwe bishika mu maso yacu.

Refrain

Kuber’iyo mpamvu, twame twiyubara, kugira ngo Yesu ni Yagaruka, Gutahukan’abo Yashizemw’ Itunga ryiwe, Az’asange tumwiteze nk’uk’umugeni, yiteg’ umukwe wiwe.

Couplet 2

Twarakunzwe cane n’Umwam’ Imana yacu, kuko Yaduhishuriy’ Ibanga, bituma twizera nko kw’isaha ya nyuma, ngo turaganwe n’Abera.

Refrain

Kuber’iyo mpamvu, twame twiyubara, kugira ngo Yesu ni Yagaruka, Gutahukan’abo Yashizemw’ Itunga ryiwe, Az’asange tumwiteze nk’uk’umugeni, yiteg’ umukwe wiwe.

Couplet 3

Imana Yacu Iragororoka cane, Yadusangij’ umwandu n’Intwari, zashesh’ Amaraso mur’iyi Nzira yera, kandi twizeye mu nyuma.

Refrain

Kuber’iyo mpamvu, twame twiyubara, kugira ngo Yesu ni Yagaruka, Gutahukan’abo Yashizemw’ Itunga ryiwe, Az’asange tumwiteze nk’uk’umugeni, yiteg’ umukwe wiwe.

Couplet 4

Tumeze nka Isirayeli yo yakunzwe, har’amahanga mensh’ico gihe. Arikw’ Isirayel’ igir’igikundiro, itona ku Mana Rurema.

Refrain

Kuber’iyo mpamvu, twame twiyubara, kugira ngo Yesu ni Yagaruka, Gutahukan’abo Yashizemw’ Itunga ryiwe, Az’asange tumwiteze nk’uk’umugeni, yiteg’ umukwe wiwe.

Couplet 5

Tur’abatoni b’Iman’ Umuremyi wacu, natwe twakunzwe tutabikwiye. Twasezeraniw’ Igihugu tuzobamwo, Tukibanemwo na Yesu.

Refrain

Kuber’iyo mpamvu, twame twiyubara, kugira ngo Yesu ni Yagaruka, Gutahukan’abo Yashizemw’ Itunga ryiwe, Az’asange tumwiteze nk’uk’umugeni, yiteg’ umukwe wiwe.

Couplet 6

Twebw’abamaze guhishurirw’iryo banga, Twame twiyeza imisi yose, Tubeho nk’abafis’ico barindiriye, Twuzuye Mpwemu wa Kristo.