#510
Eh’amazi si ya yandi
Umuco 2
Couplet 1
Eh’amazi si ya yandi bene Data, Niduhumur’ amaso maze tubone, Ic’Umwami wacu Yes’Atugombako, Niduteg’ amatwi maze duhanurwe, Tube maso duhore dusenga. Ntidusinzirire mur’iyi si, Twishire mu Maboko y’Umwami, maze turongorwe n’Uhoraho.
Refrain
Mbeg’abashonje kw’ari benshi, wasanze bagaburirwa na nde? Kw’abambay’ ubusa ari benshi, mbe wasanze bambikwa na nde? Eh’Umukiza Yesu ni W’abambika, kandi ni na We nyen’ Abagaburira, Ishimwe n’iry’Uhorah’ Imana yacu, kuv’ubu kugez’ Ibihe bidashira.
Couplet 2
Mpwemu, w’Iman’ arikw’ aradukebura, ngo twiteg’ Ukugaruka kw’Umukiza. Ibimenyetso vy’Ukugaruka kwiwe, birihuta kuboneka ngaha kw’isi, Avuga ngo duhore tugavye, kuko tutaz’ umusi n’isaha, Umukiza Yes’Azozirako, Duhore tugavye mu mutima.
Refrain
Mbeg’abashonje kw’ari benshi, wasanze bagaburirwa na nde? Kw’abambay’ ubusa ari benshi, mbe wasanze bambikwa na nde? Eh’Umukiza Yesu ni W’abambika, kandi ni na We nyen’ Abagaburira, Ishimwe n’iry’Uhorah’ Imana yacu, kuv’ubu kugez’ Ibihe bidashira.
Couplet 3
Twikangure cane tujane n’Umwami, n’aho Satan’akobeje kutugwanya, Umwami Yes’Az’abo Yatoranije, ni We Yam’Avug’ati:”Ni muhumure” Kandi Yarongey’ Aravug’ati: “Uwageze mu Kiganza Canje, nta na kimwe comunyiganyiza” Ni naco gituma tudatinya.
Refrain
Mbeg’abashonje kw’ari benshi, wasanze bagaburirwa na nde? Kw’abambay’ ubusa ari benshi, mbe wasanze bambikwa na nde? Eh’Umukiza Yesu ni W’abambika, kandi ni na We nyen’ Abagaburira, Ishimwe n’iry’Uhorah’ Imana yacu, kuv’ubu kugez’ Ibihe bidashira.
Couplet 4
Ndarangamiza ca Gihugu Siyoni, ngiye kucinjiramwo ndaciberemo ko maze kurya kw’Ijambo ry’Uhoraho; Iyo ni yo Nzir’izokinshikanamwo, Inkur’ ubariwe mwene Data, ntah’ihwanye n’iyo wiboneye. Wibuke kw’Abanesha Satani ari bo bazobon’ Umukiza.