Indirimbo Zikundwa Open in the app

#509

Yemwe hanga ry’imana

Umuco 2

Couplet 1

Yemwe hanga ry’Imana, enda n’uhebe wumve, kukw’ Inzamba y’Uhoraho irikw’ irasemerera cane, {Ivuga k’Urugamba rugiye gushira, Kandi ko tugeze mu gihe c’Imana.} x2

Refrain

Inyigisho zose z’ibinyoma zararonse igihe cazo, n’amadini yararons’ ibihe, arik’ubu n’igihe c’Imana, {Bana bato nimwitegure.} x2

Couplet 2

Yemwe Bana b’Imana, Abasenga ni benshi, n’abavug’ ivy’Imana nabo, raba barabaye benshi cane, {Arikw’iki n’igihe c’ubuzima bwacu, bugaragarira mw’Ijambo ry’Imana.} x2

Refrain

Inyigisho zose z’ibinyoma zararonse igihe cazo, n’amadini yararons’ ibihe, arik’ubu n’igihe c’Imana, {Bana bato nimwitegure.} x2

Couplet 3

Impwemu z’ibinyoma, zararonse ibihe vyo kuzimiz’ abantu benshi, vyatumy’ amadini aba menshi, {Bitum’ ubuzimire buba bwinshi cane, Abana b’Imana bikabayobera.} x2

Refrain

Inyigisho zose z’ibinyoma zararonse igihe cazo, n’amadini yararons’ ibihe, arik’ubu n’igihe c’Imana, {Bana bato nimwitegure.} x2

Couplet 4

Ikinyoma caramaze igihe kinini, naco cahindutse ukuri mu maso y’aba bana b’abantu, {Ijambo ryaserutse, cagiy’ ahabona, kugir’ ab’Imana bayikurikire.} x2

Refrain

Inyigisho zose z’ibinyoma zararonse igihe cazo, n’amadini yararons’ ibihe, arik’ubu n’igihe c’Imana, {Bana bato nimwitegure.} x2

Couplet 5

Namwe bana b’Imana, nimubimenye neza yukw’ik’ ar’igihe c’Imana, Abera bariko barategurwa, {N’Umwami Yesu Kristo, We Yabapfiriye, kuko hageze ko batahuk’iwabo.} x2