#482
Yesu mukiza ni wewe nshaka
Umuco 2
Couplet 1
Yesu Umukiza ni Wewe nshaka, kukw’amahoro yanje ari make. Nagerageje ivy’isi vyose, ariko nta munezero naronse.
Refrain
None Mukiza, Mwana w’Imana, Ndakwitavye Yesu, Umbabarire. Uko ndi kwose Man’Unyakire, Ni ho nzoronk’ amahor’ adashira.
Couplet 2
Nari mw’iyi si, Man’Urandokora Non’ubu ndi mu mahor’ adashira. Nari uwo gupfa, Mwam’ Urancungura, Non’ubu mfis’ umunezero w’ukuri.
Refrain
None Mukiza, Mwana w’Imana, Ndakwitavye Yesu, Umbabarire. Uko ndi kwose Man’Unyakire, Ni ho nzoronk’ amahor’ adashira.
Couplet 3
Ni kenshi Mwami nakubabaje, sinari nzi kw’ari Wewe Mukiza. Mwami nkubonye, ndizwa n’igishika, Ubu nuzuy’ umunezero nyakuri.
Refrain
None Mukiza, Mwana w’Imana, Ndakwitavye Yesu, Umbabarire. Uko ndi kwose Man’Unyakire, Ni ho nzoronk’ amahor’ adashira.
Couplet 4
None ubu Mwami, mpa guhang’ amaso, Umusaraba wawe wancunguye. Ivy’isi vyose mpa kubizinukwa, Uwu mutima wanj’ ukwegukire.
Refrain
None Mukiza, Mwana w’Imana, Ndakwitavye Yesu, Umbabarire. Uko ndi kwose Man’Unyakire, Ni ho nzoronk’ amahor’ adashira.
Couplet 5
Ivy’isi Mwami, jewe ndabihevye, ndakwiyeguriy’uze twibanire. Satani wa Mubi ndamwihakanye, Mwam’Uze Umfashe maze twibanire.
Refrain
Kaze Mukiza, Mwana w’Imana, ndakwihereje, Yesu n’Unyakire. Uko ndi kwose, Man’Unyakire, Ni ho nzoronk’ amahor’ adashira.