Indirimbo Zikundwa Open in the app

#481

Yesu ari mu kuza

Umuco 2

Couplet 1

Yesu ari mukuza, Yesu ari mukuza, Yesu ari mukuza, ncuti, Yesu ari mukuza.

Refrain

Uwuzozimiza n’umwe mur’abo bato, azohoherw’ ibuye ry’urusyo kw’izosi. Kandi Yaravuze ngo mu misi y’impera, bazokwirundaniriza abigisha babo, kugira ngo bigish’ inyigisho z’ibinyoma.

Couplet 2

S’igitangaza, Yesu yarabivuze, kw’abafarisayo bigish’ ibinyoma, nawe mwene Data Watowe n’Imana, Urumviriz’Ukuri, ibinyom’ ubireke.

Refrain

Uwuzozimiza n’umwe mur’abo bato, azohoherw’ ibuye ry’urusyo kw’izosi. Kandi Yaravuze ngo mu misi y’impera, bazokwirundaniriza abigisha babo, kugira ngo bigish’ inyigisho z’ibinyoma.