#477
Mw’isi nd’ingenzi
Umuco 2
Couplet 1
Mw’isi nd’ingenzi, siho nzohora, Niteguye kuj’ahera hirya mw’Ijuru, Ni ho nzohora kuri wa Mugwa, Nshim’Imana Nnezerewe, hiyo mw’Ijuru.
Refrain
Mbeg’urashaka ko tuzojana? Niwitegure Yes’Ari mu kuza, Azotujana kwa Dat’Imana, Har’ivyiza vy’agaheta, ngwino tujane.
Couplet 2
Ni nashikayo nzoshim’ Imana, Twicaranye n’aba Yesu, hiyo mw’Ijuru. Nzoshim’ Imana ndirimba cane, Twicaranye n’aba Yesu, hirya mw’Ijuru.
Refrain
Mbeg’urashaka ko tuzojana? Niwitegure Yes’Ari mu kuza, Azotujana kwa Dat’Imana, Har’ivyiza vy’agaheta, ngwino tujane.
Couplet 3
Turahiriwe, nta mubabaro, nta gahinda, nta magorwa, nta n’amaganya. N’isi y’Abera b’Umwam’ Imana, nta gahinda, nta magorwa, nta n’amarira.
Refrain
Mbeg’urashaka ko tuzojana? Niwitegure Yes’Ari mu kuza, Azotujana kwa Dat’Imana, Har’ivyiza vy’agaheta, ngwino tujane.