Indirimbo Zikundwa Open in the app

#467

Ndagushima Mwami wanje

Umuco 2

Couplet 1

Ndagushima, Mwami, wanj’ibibi, Wankijije Ukankura, mu vyaha vyanje, nahora, ndimwo, Warangiriy’ Ubuntu ntazokwibagira, Wangiriye mu gishingo, hamw’i Gologota.

Refrain

Agakiza kanje-e-e, Nagahawe ku Buntu gusa, Kukw’ata bikorwa mfise vyotuma nirata, Ngo nigir’ agakomeye, nahawe ku Buntu.

Couplet 2

Ndagushim’iyo nibuts’ ibibi Wankuyemwo, Uzomfat’ ukuboko sinsubir’ inyuma, Kuko benshi bariyeza basubir’ inyuma, None nanje Unkomeze, name ndakwumvira.

Refrain

Agakiza kanje-e-e, Nagahawe ku Buntu gusa, Kukw’ata bikorwa mfise vyotuma nirata, Ngo nigir’ agakomeye, nahawe ku Buntu.

Couplet 3

Yemw’Abakijijwe twese dushim’ ubwo Buntu, Kuko biratubereye gushim’ Uhoraho, Dusenger’ abanyantege nke tubaramire, Kukw’ata muntu n’umwe yoh’uwund’ inkomezi.

Refrain

Agakiza kanje-e-e, Nagahawe ku Buntu gusa, Kukw’ata bikorwa mfise vyotuma nirata, Ngo nigir’ agakomeye, nahawe ku Buntu.

Couplet 4

Yemw’Abakijijwe, twirinde guhinyurana, Kukw’ uwuhinyur’ uwundi naw’ab’ acumuye, Ahubwo sengeranira turonk’ inkomezi, Ni ho n’abanyantege nke bagir’ inkomezi.

Refrain

Agakiza kanje-e-e, Nagahawe ku Buntu gusa, Kukw’ata bikorwa mfise vyotuma nirata, Ngo nigir’ agakomeye, nahawe ku Buntu.