Indirimbo Zikundwa Open in the app

#422

Umwami Yesu ariko arakora

Umuco 2

Couplet 1

Umwami Yesu arikw’arakora, Igikorw’agir’akirangize, Arakora yihuta vuba cane, Ngw’adushikane ku gutunganywa, {Abafis’amaso barabibona, Imitima yab’ikuzur’ishimwe, N’ubw’ Inzira yob’ic’aho batumva, N’ukuri nyene ntibarambirwa.} x2

Couplet 2

Tube maso bene Data bakundwa, Twemere kujana n’Umwami Yesu, N’umus’ umw’ agakor’ ibitangaza, Agakora n’ibidasubirwamwo, {Mu bikorwa vyacu vya misi yose, Tumushir’ Umukiza wac’imbere, Tumukundishe n’inkomezi zacu, Ashirw’ imbere mu bintu vyose.} x2

Couplet 3

Umwam’agendagenda mw’Ishengero, Atang’ Ubugingo mu bamukunda, Ahamagara benshi bazimiye, Akabahindur’ Ihanga ry’Abera, {Ishengero ryos’akaryeza cane, Aryezesha Amaraso yiwe, rikuzura Ubuntu n’Imbabazi: N’Ishengero ry’Abera b’Imana.} x2

Couplet 4

Ntidukomantaze imitima yacu, Tumwumvire bicitwa uyu musi, Canke ngo hagire n’umw’ acererwa,

Couplet 5

Ngw’ahez’ abaz’ivy’ Iman’ikora, {Ntihagir’ uwugeragez’ Imana, Mu kutumvir’ Ubuhanuzi bwayo, N’ukuri Imana yacu n’Urukundo, ariko kand’igaca n’Amateka.} x2

Couplet 6

Uwufise vyinsh’ azobazwa vyinshi, Uwufise bik’azobazwa bike, Nta wuzobazw’ ivy’atabikijwe, Dukorane n’umwete tuj’imbere, {Ntidupfish’ Ubuntu bw’Iman’ubusa, Tuyikorere duhind’ agashitsi. Tube maso tugendane na Yesu, Rimw’Azokor’ ibidasubirwamwo.} x2