#421
Imana ishimwe cane rwose
Umuco 2
Couplet 1
Imana ishimwe cane rwose, Kukw’ibihe vyose yamye, Irungika Ijambo ryayo, {Yamy’irirungika, Ku bana bayo bakaryizera, Ukw’Imana Iribahaye.} x2
Refrain
Kw’Ijambo ry’Imana rivugwa, Wumva riguh’Ubugingo? K’Ubutumwa Bwiza bw’Ubwami buza hagati yacu, {Mbega none wumva har’ico bukora muri wewe?} x2
Couplet 2
Ijambo ryaje kuri Nowa, Iman’Ihorah’ Iravuga, Ngo yubake ubwato vuba, {Ku bw’umwana w’umuntu, Ntivyumvikana na gat’ariko, Nowa yubatse kuko yizeye.} x2
Refrain
Kw’Ijambo ry’Imana rivugwa, Wumva riguh’Ubugingo? K’Ubutumwa Bwiza bw’Ubwami buza hagati yacu, {Mbega none wumva har’ico bukora muri wewe?} x2
Couplet 3
Ijambo ryaza ku bahanuzi, Abisirayeli bamaze, Kuva k’Uhorah Imana, {Bagasenga ibigirwamana, Arikw Imana Ikabaharira, kuko Yabakunda.} x2
Refrain
Kw’Ijambo ry’Imana rivugwa, Wumva riguh’Ubugingo? K’Ubutumwa Bwiza bw’Ubwami buza hagati yacu, {Mbega none wumva har’ico bukora muri wewe?} x2
Couplet 4
Mur’iki gihe cacu naco nta Kuri kwari kukiriho, Ijambo ryaje kutugarura, {Mu Nzira y’Ukuri ngo tubashe, guhimbar’Imana. Eh’Umwami Yesu araje.} x2
Refrain
Kw’Ijambo ry’Imana rivugwa, Wumva riguh’Ubugingo? K’Ubutumwa Bwiza bw’Ubwami buza hagati yacu, {Mbega none wumva har’ico bukora muri wewe?} x2
Couplet 5
Ijambo ryaraje bene Data, Ni rizima hagati yacu, Uwushaka kubona abone, {N’uwushaka kwumva niyiyumvire, Ico Mpwemu Yera abwir’ Ishengero Ry’Imana Nzima.} x2