Indirimbo Zikundwa Open in the app

#413

Ewe Mana yanje...

Umuco 2

Couplet 1

Ewe Mana yanje, Nkinzo y’agakiza kanje, Urutare nihishamo amadayimoni, Wanyeretse mu nyonga zawe Mucunguzi, Na none ngwino Soko nziza y’Ubugingo, {Rab’abana bawe bose bakoraniy’aha, Barahuzagizwa bifuza mu nyonga hawe, Ku bw’urukundo rwawe, Yes’ubagaburire, Uhaz’abashonj’uramire n’abananiwe.} x2

Couplet 2

Har’isezerano ryawe ryera ry’intahava Wasezeraniye abo wiguz’amaraso, Ko ni dukoranira mw’lzina ryawe Yesu, Na W’uzomanuk’ ugaburir’imitima yacu {Kora Mwami Yesu turakwishikaniye pe, Nturab’intege nke cank’ivyaha vyacu Mwami, Turabire gusa mu kugororoka kwawe, N’utwezesh’ Amaras’ udukiz’akabi kose.} x2

Couplet 3

Ni dushenguruka tuvuye hano Mukiza Tub’abagabo bagender’ivyo watugeze, Twemez’ivyaremwe vyose ko tur’ivyabona Vyo gushingir’intah’ukuri wadusigiye {Haguruka Mwami, rambur’ukuboko kwawe, N’usig’amavuta abasavyi bawe bera, Intama zawe zose zigir’ umutim’ umwe, Amahor’ umunezero bitangwa na Mpwemu.} x2

Couplet 4

Tugushikaniye rer’iki gikorwa cawe Ico watanguye mu mitima yacu twese, Ugiheraheze, kivugutirwe na Mpwemu Maz’uboneke k’ur’uwambere n’iherezo {Turagushimiye kok’uburongozi bwawe Twarabonye neza kw’ari, Wew’utur’ imbere, Twaramenye neza ntidukekeranya namba, Vuga rero Mwami Wewe Bwirukiro, Bwacu.} x2