#401
Hariho igihe twari mu mwiza
Umuco 2
Couplet 1
Harih’igihe twari mu mwiza mwinshi pe, Harih’igihe twari mu butamenya, Harih’igihe twari mw’iborero ry’ivyaha Tudashobora kwidegemvya na gato.
Refrain
Ubu turi mu rugo kwa Data, Twuzuye amahoro n’umunezero, Manu yanyegejwe ni yo tugaburirwa, Niy’idusubizamw’ intege, {Ehe dusangiy’ ubwoko n’Abera.} x2
Couplet 2
Harih’igihe twakubebwa n’impwemu zose, Harih’igihe twitirany’Imana Nzima, Harih’igihe twari tubohewe mu rupfu, Tukamana amaganya n’amarira.
Refrain
Ubu turi mu rugo kwa Data, Twuzuye amahoro n’umunezero, Manu yanyegejwe ni yo tugaburirwa, Niy’idusubizamw’ intege, {Ehe dusangiy’ ubwoko n’Abera.} x2
Couplet 3
Harih’igih’Umwami Yesu yatugendeye Harih’igih’ Umuco watumurikiye, Harih’igihe twamenya ko Yesu Yadukunze, Tumenya ko yatubambiwe ku Musaraba.
Refrain
Ubu turi mu rugo kwa Data, Twuzuye amahoro n’umunezero, Manu yanyegejwe ni yo tugaburirwa, Niy’idusubizamw’ intege, {Ehe dusangiy’ ubwoko n’Abera.} x2
Couplet 4
Harih’igihe twavuka mu bundi bwami, Harih’igihe twameny’ amasezerano, Ko tuzobana na Yesu muri Yerusalemu, Turaz’ibanga ry’Umukwe n’Umugeni.
Refrain
Ubu turi mu rugo kwa Data, Twuzuye amahoro n’umunezero, Manu yanyegejwe ni yo tugaburirwa, Niy’idusubizamw’ intege, {Ehe dusangiy’ ubwoko n’Abera.} x2
Couplet 5
Ehe Mpwemu w’Iman’ arasemerera cane, Abivuga avyeruye kw’igihe kigeze, Dusab’ Imana itunganye imitima yacu, Idukurekw’ amarabaga twere derere.