#199
Turi mu ntambara y’iherezo
Umuco
Couplet 1
Turi mu Ntambara y’iherezo, turi ku Rugamba rukomeye, mbega ni nde azoneshereza, n’Umwami Yesu Yanesheje, ./.Yatsinz’ urupfu ku Musaraba./.
Refrain
Ehe ng’Uyo Azananye n’ibicu, Abizera bose bazomubona; Harahiriwe uwunesha, azorya ku giti c’Ubugingo, ntazobona urupfu rwa kabiri, azicarana n’Umwami Yesu ./.Mur’ ubwo Bwami Buhoraho./.
Couplet 2
Turi ku Rugamba rukomeye, turwana n’inkomzi z’umwiza; s’intambara y’inyama n’amaraso, n’abakuru baganz’ ikirere ./.Harahiriwe uwunesha./.
Refrain
Ehe ng’Uyo Azananye n’ibicu, Abizera bose bazomubona; Harahiriwe uwunesha, azorya ku giti c’Ubugingo, ntazobona urupfu rwa kabiri, azicarana n’Umwami Yesu ./.Mur’ ubwo Bwami Buhoraho./.
Couplet 3
Satani n’abamukorera bose, bashiz’ intambamyi mu nzira, urugamba rurakomeye cane, harahiriwe uwunesha ./.Ngw’ azinjire mu buruhukiro./.
Refrain
Ehe ng’Uyo Azananye n’ibicu, Abizera bose bazomubona; Harahiriwe uwunesha, azorya ku giti c’Ubugingo, ntazobona urupfu rwa kabiri, azicarana n’Umwami Yesu ./.Mur’ ubwo Bwami Buhoraho./.
Couplet 4
Mu nzira yose har’ intambamyi, Satani yanteze imitego; ivyo vyose birwany’ ubugingo, ngo simbon’ Ubwiza bw’Uhoraho ./.Uneshereze Mukiza wanje./.
Refrain
Ehe ng’Uyo Azananye n’ibicu, Abizera bose bazomubona; Harahiriwe uwunesha, azorya ku giti c’Ubugingo, ntazobona urupfu rwa kabiri, azicarana n’Umwami Yesu ./.Mur’ ubwo Bwami Buhoraho./.
Couplet 5
Umpe kurwan’ Intambara nziza, nimpfa mpfire muri wewe Yesu; Umbumbatish’ amaboko yawe, wam’ Unyigisha kugororoka ./.Ngo nze ndaganwe n’Abera bose./.