Indirimbo Zikundwa Open in the app

#198

Hari imburi y’uhoraho

Umuco

Couplet 1

Har’imburi, imburi y’Uhoraho, kandi yama iza ngo twiyubare, kukw’ inyuma, inyuma y’imburi ./.Hama haba gucirwakw’ iteka ku bantu batumviy’imburi./.

Refrain

Ntac’Imana ikora, itaburiy’ abana bayo. Nta c’Imana ikora, itabwiy’ abasavyi bayo. Arikw’ Imana Ishimwe cane, kuk’ Urufatiro rw’Imana Nzima; rwanditseko ikimenyetso, ng’Uhoraho araz’ abiwe ./.Kandi ng’ uwuvug’ Izina ryiwe, yitandukanye n’ivyanduye./.

Couplet 2

Yaburiye Ab’Isirayeli, ati: musig’ amaraso y’intama; musige ku miryango yanyu mwese ./.Kuko ngiye guhonya no gutikiza, abana b’imfura b’Egiputa./.

Refrain

Ntac’Imana ikora, itaburiy’ abana bayo. Nta c’Imana ikora, itabwiy’ abasavyi bayo. Arikw’ Imana Ishimwe cane, kuk’ Urufatiro rw’Imana Nzima; rwanditseko ikimenyetso, ng’Uhoraho araz’ abiwe ./.Kandi ng’ uwuvug’ Izina ryiwe, yitandukanye n’ivyanduye./.

Couplet 3

No mu gihe, igihe ca Nowa, Yaburiy’ umusavyi wiwe Nowa, yukw’ agiye, kurimbur’ ababi ./.ababi banduj’ iy’isi yose, kukw’ ivyaha vyarenz’ urugero./.

Refrain

Ntac’Imana ikora, itaburiy’ abana bayo. Nta c’Imana ikora, itabwiy’ abasavyi bayo. Arikw’ Imana Ishimwe cane, kuk’ Urufatiro rw’Imana Nzima; rwanditseko ikimenyetso, ng’Uhoraho araz’ abiwe ./.Kandi ng’ uwuvug’ Izina ryiwe, yitandukanye n’ivyanduye./.

Couplet 4

Nub’ivyaha, vyaha vyabaye vyinshi, ibintu vyose vyarononekaye, abantu bose buzuy’ ubugunge ./.Bakorey’ ibitey’ isoni ahabona, Mwami dufashe tukuyoboke./.

Refrain

Ntac’Imana ikora, itaburiy’ abana bayo. Nta c’Imana ikora, itabwiy’ abasavyi bayo. Arikw’ Imana Ishimwe cane, kuk’ Urufatiro rw’Imana Nzima; rwanditseko ikimenyetso, ng’Uhoraho araz’ abiwe ./.Kandi ng’ uwuvug’ Izina ryiwe, yitandukanye n’ivyanduye./.

Couplet 5

Mana Nzima, wuzuy’ Ubuntu, wandik’ imburi yawe mu mitima; uyandikish’ Ubushobozi bwawe ./.kugira ngo dushobore kuyoboka, kuk’ Ugiye kurimbur’ iy’isi./.