Indirimbo Zikundwa Open in the app

#195

Igihe kigeze kure

Umuco

Couplet 1

Igihe kigeze kure, ububi bugeze kure ./.Ibimenyetso vy’ijoro vyamaze gushika vyose./.

Refrain

Yesu We Rumuri rumurikira, Umurikire mur’ iy’isi, ndazi kw’ igihe kigiye gushira, uz’Unkize sinze mpfe, Yesu We Rumuri rumurikira, ndaj’ Umpishe muri Wewe, kuko igihe kigiye gushira, uz’Unkize sinze mpfe.

Couplet 2

Yesu yabwiy’Ishengero, at’ivyo bimaze kuba ./.Murangamize hejuru, agakiza kari hafi./.

Refrain

Yesu We Rumuri rumurikira, Umurikire mur’ iy’isi, ndazi kw’ igihe kigiye gushira, uz’Unkize sinze mpfe, Yesu We Rumuri rumurikira, ndaj’ Umpishe muri Wewe, kuko igihe kigiye gushira, uz’Unkize sinze mpfe.

Couplet 3

Shengero ni twikangure, duseng’ amanwa n’ijoro ./.Igihe kigeze kure, dutegerez’Umukiza./.

Refrain

Yesu We Rumuri rumurikira, Umurikire mur’ iy’isi, ndazi kw’ igihe kigiye gushira, uz’Unkize sinze mpfe, Yesu We Rumuri rumurikira, ndaj’ Umpishe muri Wewe, kuko igihe kigiye gushira, uz’Unkize sinze mpfe.

Couplet 4

Yesu Yabwiye Yohana, ngw’ ehe ehe Ndaje vuba ./.kugerera umwe wese ibihuje n’ivy’ akora./.

Refrain

Yesu We Rumuri rumurikira, Umurikire mur’ iy’isi, ndazi kw’ igihe kigiye gushira, uz’Unkize sinze mpfe, Yesu We Rumuri rumurikira, ndaj’ Umpishe muri Wewe, kuko igihe kigiye gushira, uz’Unkize sinze mpfe.

Couplet 5

Kor’ivy’ umukristo ashitse, kor’ivy’ ukugororoka ./.Iteho kwuzura Mpwemu, ehe ng’Uyo ng’Uyo Araje./.