Indirimbo Zikundwa Open in the app

#194

Yesu ni we rutare

Umuco

Couplet 1

Yesu ni We Rutare, Rutare rw’Ubugingo; uwutanyoye kuri rwo ntabon’ Ubugingo busha, kukw’ari we yamyeho, kandi azokwamaho, no mubugingo busha, azohorah’ iteka.

Refrain

Yesu ni We Yampfiriye ku Musaraba, intuntu Iramwuzura igetsemane; Ng’ umwizer’ abon’ Ubugingo budashira, ndizeye ndizeye nyakira mbon’ Ubugingo budashira.

Couplet 2

Yesu ni Wewe Nzira, Ukuri n’Ubugingo, uwutamuciyeko wese, ntabon’ Ubugingo busha, kukw’ ari wewe nkingi, ni Wewe Rufatiro, aho utaba Mukiza, nta Mahoro aboneka.

Refrain

Yesu ni We Yampfiriye ku Musaraba, intuntu Iramwuzura igetsemane; Ng’ umwizer’ abon’ Ubugingo budashira, ndizeye ndizeye nyakira mbon’ Ubugingo budashira.

Couplet 3

Yesu We ndakwihaye, mb’ ishamvu ryawe Mwami, sintezw’ ubwoba n’iy’isi, ngo bimbuz’ ubugingo; kuko jewe wampfiriye, kugira ngo sinze mpfe, ngo nze ndagwe mw’Ijuru, Umugabane mwiza.

Refrain

Yesu ni We Yampfiriye ku Musaraba, intuntu Iramwuzura igetsemane; Ng’ umwizer’ abon’ Ubugingo budashira, ndizeye ndizeye nyakira mbon’ Ubugingo budashira.

Couplet 4

Ninagera mu Bwami, mu Bwami bw’Uhoraho, ubw’Imana yateguye, ngo bubemwo abera; niho nzoruhukira, nduhuke ibinduhisha, vyo mur’ubu bugingo, n’imiruho yo mw’isi.