#165
Mur’iy’isi har’ico mpahamiye
Umuco
Couplet 1
Mur’iy’isi har’ico mpahamiye, kindutira ibindi vyose; mur’ iy’isi har’ico nifuza rwose: N’ukugira umugabane wanje ./.Nugukorera Imana yanje(Umwami wanje)./.
Refrain
N’ikihe kiruta vyose k’Umukristo nyakuri? N’ukubaho nkuko Kristo Yabayeho, n’ukuvuga nkuko Kristo Yavuze, n’ugukora nkuko Kristo Yakoze.
Couplet 2
Hari imigabane ibir’ir’ imbere yanje ntabony’ uwa mbere sinshobora, gushikira n’uwugira kabiri, n’ugukorera Imana nkiriho ./.N’ugukor’ ic’Imana imbwiye gukora./.
Refrain
N’ikihe kiruta vyose k’Umukristo nyakuri? N’ukubaho nkuko Kristo Yabayeho, n’ukuvuga nkuko Kristo Yavuze, n’ugukora nkuko Kristo Yakoze.
Couplet 3
Uwambere n’ugukor’ ico ntegerezwa, uwa kabiri n’igitsibo mbikiwe; none nobishikira nte Mana yanje? Ntashobojwe nawe bwirukiro ./.Abazima nibo bagukorera./.
Refrain
N’ikihe kiruta vyose k’Umukristo nyakuri? N’ukubaho nkuko Kristo Yabayeho, n’ukuvuga nkuko Kristo Yavuze, n’ugukora nkuko Kristo Yakoze.
Couplet 4
Ntegerezwa kugukorera mur’ iy’isi, ntegerezwa kuba icabona cawe, ntegerezwa kugushingir’ intahe, mu mvura mu makuba no mu bimoko ./.Abazima ni bo bagukorera./.
Refrain
N’ikihe kiruta vyose k’Umukristo nyakuri? N’ukubaho nkuko Kristo Yabayeho, n’ukuvuga nkuko Kristo Yavuze, n’ugukora nkuko Kristo Yakoze.
Couplet 5
Ndagukunda n’umutima wanje wose, ndakunda n’igikorwa cawe, ntawundi mfise noganyira atari wewe, shir’ umuryango wuguruye imbere yanje ./.Maz’ unshoboze mbone kugukorera./.