Indirimbo Zikundwa Open in the app

#163

Ewe mugenzi wanje

Umuco

Couplet 1

Ewe mugenzi wanje ni witonde, kuko hari inzira imwe gusa, inzira ishikana mu Bwami bw’Imana, ni yo nzira y’agakiza kacu.

Refrain

Benshi barazimagirika, kuko badahagaze neza, wirinde kandi wiyubare, wisuzume mu ngendo zawe ubone kuzoshika amahoro.

Couplet 2

Ewe mugenzi wanje niwitonde, kuko iyo nzira ipfunganye, ibonwa n’amaso y’inkukuma, abayiciyemwo n’ababona.

Refrain

Benshi barazimagirika, kuko badahagaze neza, wirinde kandi wiyubare, wisuzume mu ngendo zawe ubone kuzoshika amahoro.

Couplet 3

Iyo nzira irimwo amahwa, abatinya ayo mahwa bose, ntibashobora gukomeza iyo nzira, bifatira inzira zoroshe.

Refrain

Benshi barazimagirika, kuko badahagaze neza, wirinde kandi wiyubare, wisuzume mu ngendo zawe ubone kuzoshika amahoro.

Couplet 4

Kenshi hariho benshi bavuga yuko, bahagaze mu nzira y’agakiza, ariko bahagaze nabi, bahagaze iruhande rw’iyo nzira.

Refrain

Benshi barazimagirika, kuko badahagaze neza, wirinde kandi wiyubare, wisuzume mu ngendo zawe ubone kuzoshika amahoro.

Couplet 5

Hariho vyinshi mw’isi bikurura, hariho vyinshi mw’isi bihamagara, ntukagire imitima ibiri, agakiza ni kamwe gusa.