Indirimbo Zikundwa Open in the app

#161

Imana yaremye umuntu

Umuco

Couplet 1

Imana Yaremye umuntu mwiza, Imurema mw’ Ishusho yayo, Irema isi n’ibiri kuri yo vyose, ivyo Yaremye vyari vyiza vyose.

Refrain

Vyose vyari bitunganye, vyose vyumvir’ Imana nta rupfu nta n’umuryano, vyose vyari bitotahaye, Havugw’ amahoro, har’ ubwiza bw’Uhoraho.

Couplet 2

Uhoraho amaze kurema vyose Satani nawe agir’ ishari, agerageza guhenda Eva, kugira ngo yonone vyose.

Refrain

Vyose vyari bitunganye, vyose vyumvir’ Imana nta rupfu nta n’umuryano, vyose vyari bitotahaye, Havugw’ amahoro, har’ ubwiza bw’Uhoraho.

Couplet 3

Inzoka imaze guhenda Eva, havuka umwana yitwa Kayini, hejuru yabo haza umuvumo, nivyo bibi tubona ubu vyose.

Refrain

Vyose vyari bitunganye, vyose vyumvir’ Imana nta rupfu nta n’umuryano, vyose vyari bitotahaye, Havugw’ amahoro, har’ ubwiza bw’Uhoraho.

Couplet 4

Uruvyaro rw’Imana nurw’ inzoka vyose vyarabaye uruvange, ariko Imana irazi abayo bose, kuko vyose vyari mu migabo yayo.

Refrain

Vyose vyari bitunganye, vyose vyumvir’ Imana nta rupfu nta n’umuryano, vyose vyari bitotahaye, Havugw’ amahoro, har’ ubwiza bw’Uhoraho.

Couplet 5

Ibitariho vyose bizokurwaho, abana b’inzoka bazokurwaho, ivyononekaye bizohindurwa bisha, kuko Imana ikunda ivyayo vyose.

Refrain

Vyose vyari bitunganye, vyose vyumvir’ Imana nta rupfu nta n’umuryano, vyose vyari bitotahaye, Havugw’ amahoro, har’ ubwiza bw’Uhoraho.

Couplet 6

Ivyiza vyose tuzobisubizwa, ivyatakaye n’ivyononekaye, Edeni yacu tuzoyisubizwa, natwe tuzosubizwa kw’itanguriro.