#159
Yesu Kristo aho yari kw’isi
Umuco
Couplet 1
Yesu Kristo aho Yari kw’isi, Yageragaje Kuducirinzira, ivyo yakora vyose uko biri, kw’ar’ ukugira ngo Aducire inzira.
Refrain
We Yakunda gusenga cane, Asenger’ Igikorwa c’Imana, kubw’ Ubushobozi bw’ Amasengesho, Yaneshej’ intege nke z’umubiri, yari yuzuye ukwihangana, yaseng’ ijoro ryose, kumutaga akavuga Ubutumwa.
Couplet 2
Aho yaseng’ar’ Igetsemane, kw’ar’ ukugira ngo aducir’ inzira, kubw’ Ubushobozi bw’ Amasengesho, Yabony’ inkomezi zivuye mw’ijuru.
Refrain
We Yakunda gusenga cane, Asenger’ Igikorwa c’Imana, kubw’ Ubushobozi bw’ Amasengesho, Yaneshej’ intege nke z’umubiri, yari yuzuye ukwihangana, yaseng’ ijoro ryose, kumutaga akavuga Ubutumwa.
Couplet 3
Yabwiy’ abigishwa biwe ati : nimupfukame musenge cane, kugira ntimurwe mumosha mabi, natwe dusenge ijoro n’umutaga.
Refrain
We Yakunda gusenga cane, Asenger’ Igikorwa c’Imana, kubw’ Ubushobozi bw’ Amasengesho, Yaneshej’ intege nke z’umubiri, yari yuzuye ukwihangana, yaseng’ ijoro ryose, kumutaga akavuga Ubutumwa.
Couplet 4
Yakijij’ ugutwi umwansi wiwe, kwar’ ukugira ngo Aducir’ inzira, Yasemerey’ ati : baharire, kw’ar’ ukugira ngo Aducir’ inzira.
Refrain
We Yakunda gusenga cane, Asenger’ Igikorwa c’Imana, kubw’ Ubushobozi bw’ Amasengesho, Yaneshej’ intege nke z’umubiri, yari yuzuye ukwihangana, yaseng’ ijoro ryose, kumutaga akavuga Ubutumwa.
Couplet 5
Ivyo Yakoze akiri kw’isi, Yagira ngo aducire inzira, natwe ni muze tumwigane, dusenge nk’uk’ Umwami Yesu yasenga.