Indirimbo Zikundwa Open in the app

#144

Haleluya Haleluya, kubw’umunezero

Umuco

Couplet 1

Haleluya, Haleluya Haleluya kubw’umunezero mwinshi, wuzuye m’umutima wanje, n’umunezero w’inkuru nziza niy’ukuza k’Umwami Yesu.

Refrain

Inkuru nziza z’Ubwami, nzumva hirya no hino, zivuga yuko Yesu aje, mpura n’abavugabutumwa, bat’Umwami araje abacuraranzi baracuraranga, bat’Umwami araje, abaririnvyi bakaririmba bat’ Umwam’araje ./.Ivyo mbona vyose, binyereka ko Yesu aje./.

Couplet 2

Haleluya, haleluya haleluya kubw’inkuru nziza cane, iyo nkuru yam’isigurwa muri je, iyo nkuru yam’iririmbwa muri je, niy’ukuza kw’Umwami Yesu.

Refrain

Inkuru nziza z’Ubwami, nzumva hirya no hino, zivuga yuko Yesu aje, mpura n’abavugabutumwa, bat’Umwami araje abacuraranzi baracuraranga, bat’Umwami araje, abaririnvyi bakaririmba bat’ Umwam’araje ./.Ivyo mbona vyose, binyereka ko Yesu aje./.

Couplet 3

Haleluya, haleluya haleluya kubw’umunezero numva, iyo ngize ngo ndacuraranga, nkumva ngo Umwami araje, vyose bivuga ng’Umwami araje.

Refrain

Inkuru nziza z’Ubwami, nzumva hirya no hino, zivuga yuko Yesu aje, mpura n’abavugabutumwa, bat’Umwami araje abacuraranzi baracuraranga, bat’Umwami araje, abaririnvyi bakaririmba bat’ Umwam’araje ./.Ivyo mbona vyose, binyereka ko Yesu aje./.

Couplet 4

Haleluya, haleluya, haleluya kubw’umunezero mwinshi, ivyaremwe vyose uko bingana, vyerekana vyose k’Umwami aje, vyose bivuga ng’Umwami araje.

Refrain

Inkuru nziza z’Ubwami, nzumva hirya no hino, zivuga yuko Yesu aje, mpura n’abavugabutumwa, bat’Umwami araje abacuraranzi baracuraranga, bat’Umwami araje, abaririnvyi bakaririmba bat’ Umwam’araje ./.Ivyo mbona vyose, binyereka ko Yesu aje./.

Couplet 5

Iyo n’inkuru nziza yo mu Bwami, n’inkuru impumuriza hose n’inkuru impumuriza nkiri mur’iy’isi n’inkuru y’amahoro menshi, n’iy’ukuza kw’Umwami.