#133
Hari ikintu camye kiba
Umuco
Couplet 1
Har’ikintu camye kiba, ku bana b’Imana ibihe vyose, nico catumye bitwa abahizi, ibigatanya bakabirya butsima ./.N’ukwizera Isezerano n’ukwizera ivyo utabona bigaragaza umuhizi./.
Refrain
Ivyo bituma umuntu, yihanganir’ ibimugerageza; ivyo bituma umuntu, ashikir’ isezerano yasezeranijwe ./.Akitwa umuhizi akitw’ uwanesheje, akambikwa igitsibo akambikwa ubwiza./.
Couplet 2
Har’ikintu camye kiba, ku bana b’Isumba ibiriho vyose, n’ukudacobogora mu rugendo, n’ukudacobogora mu kwizera ./.Bizer’ ibitaboneka mu nzira zifunganye no mu mwiza mwinshi cane./.
Refrain
Ivyo bituma umuntu, yihanganir’ ibimugerageza; ivyo bituma umuntu, ashikir’ isezerano yasezeranijwe ./.Akitwa umuhizi akitw’ uwanesheje, akambikwa igitsibo akambikwa ubwiza./.
Couplet 3
Har’ikintu camye kiba, ku bana b’Aburahamu sogokuruza n’ukutaraba ku vy’isi y’umwiza, n’ukutarya ku giti c’ubumenyi ./.Buzuy’ ukwihangana, buzuye ukwizera, buzuye ivyizigiro./.
Refrain
Ivyo bituma umuntu, yihanganir’ ibimugerageza; ivyo bituma umuntu, ashikir’ isezerano yasezeranijwe ./.Akitwa umuhizi akitw’ uwanesheje, akambikwa igitsibo akambikwa ubwiza./.
Couplet 4
Har’ikintu gitegerezwa, kuba ku bana b’amasezerano, n’ukwuzura ukwizera kwa ba data n’ukwuzur’ukwihangana kwa ba sokuru ./.Kwuzura urukundo kwuzura ukwizera kwuzura ivyizigiro./.