#126
Turi mu munsi wagatandatu
Umuco
Couplet 1
Turi mu munsi wa gatandatu, ku kagoroba kuwo munsi, bugira bwire kubanyakibi; tugira turangize uwo munsi ./.twinjire mu munsi w’indwi./.
Couplet 2
Abana b’Imana b’ibihe vyose, ntibigeze bary’ umutsima wambiwe, birinda cane umusemburo, bama barya, umutsima utambiwe ./.Hamwe n’imboga zirura./.
Couplet 3
Turi hafi kumar’ imins’ itandatu, turi mu bugaragwa bw’iyi si, ba sokuruza barasinziriye, ba Simeyoni, ba Daniyeli, na ba Paulo ./.Bararuhuts’uko bari bose./.
Couplet 4
Turi hafi kumar’ imins’ itandatu, tugira turangiz’ Urugendo, dufis’ Isezerano rizima, ry’Igihugu c’i Siyoni iyo mw’Ijuru ./.Aho tuzegukira twese./.
Couplet 5
Ncuti yanje niwihangane, turi mu Ntambara y’iherezo, tugira twegukir’ Igihugu, i Yeriko hagiye, gusenyuka ./.Twinjire mw’isezerano./.
Couplet 6
Ntunanirwe n’iherezo ry’ubugaragwa, kandi warashoboy’ itanguriro, ivyo wakoze Imana irabizi, ntunanirwe ng’uvyice vyose, ni wihangane ./.Imana izobiguhembera vyose./.