Indirimbo Zikundwa Open in the app

#125

Imbere har’ubugingo

Umuco

Couplet 1

Imbere har’Ubugingo, imbere har’ Urupfu, iki n’igihe c’itoranya; abandi bamaze gutoranya, toranya toranya vuba nguy’ Umucamanza Araje.

Refrain

N’umunsi w’akanyamuneza, kuwatoranije Ubugingo; n’umunsi w’amahoro, n’uwumunezero, n’umunsi w’amarira, n’umunsi w’amaborogo; kuwutamenye ico atoranya, toranya, toranya, bigishoboka.

Couplet 2

Imbere har’Umunezero, imbere har’ umubabaro, uwutoranya n’atoranye; igihe c’itoranya kiracariho, kandi kigiye gushira vuba, nguy’ Umucamanza araje.

Refrain

N’umunsi w’akanyamuneza, kuwatoranije Ubugingo; n’umunsi w’amahoro, n’uwumunezero, n’umunsi w’amarira, n’umunsi w’amaborogo; kuwutamenye ico atoranya, toranya, toranya, bigishoboka.

Couplet 3

Imbere har’Umugisha, imbere har’ Umuvumo, iki n’igihe c’itoranya; har’ Umwami w’Umuhezagiro, hakaba nuw’ umuvumo, toranya, toranya bigishoboka.

Refrain

N’umunsi w’akanyamuneza, kuwatoranije Ubugingo; n’umunsi w’amahoro, n’uwumunezero, n’umunsi w’amarira, n’umunsi w’amaborogo; kuwutamenye ico atoranya, toranya, toranya, bigishoboka.

Couplet 4

Har’Umwami w’Amahoro, Umujanama w’Amahoro, kandi niwe Gitangaza; n’Imana y’Ubushobozi, Iri hejuru ya vyose, Ikaganza vyose, ntako nomuvuga Haleluya.

Refrain

N’umunsi w’akanyamuneza, kuwatoranije Ubugingo; n’umunsi w’amahoro, n’uwumunezero, n’umunsi w’amarira, n’umunsi w’amaborogo; kuwutamenye ico atoranya, toranya, toranya, bigishoboka.

Couplet 5

Ubwami bwiwe n’ubw’ Amahoro, n’abiwe bama mu Mahoro, uwayabonye n’umuhirwe; kandi nta n’umwe yifuza, kuyavamwo, n’Amahoro atazwi n’ab’isi, n’Amahoro, n’Amahoro Haleluya.