#399
Imana yaremy’umuntu
Umuco 1
Couplet 1
Imana yaremy’umuntu wa mbere, Iman’imuha ivyiza vyose, Koko yamuremye mw’ishusho yayo, Arik’uwo munt’agwa mu caha, Ac’atakaz’ubwiza bw’Imana.
Refrain
Reka dutazir’Uhoraho, Kukw’ari We Mana yo gusengwa, Ico yakunze yaragikunze, S’umuntu ngo yihindukize, Urukundo rwayo n’akaburarugero.
Couplet 2
Imana ntiyahevy’umuntu wayo, Kuko yaciye iyindi nzira, Isezeran’isezerano risha, Ryo gukirish’isi Adamu wa kabiri, Adashobora kugwa mu caha.
Refrain
Reka dutazir’Uhoraho, Kukw’ari We Mana yo gusengwa, Ico yakunze yaragikunze, S’umuntu ngo yihindukize, Urukundo rwayo n’akaburarugero.
Couplet 3
Yesu ni We adamu wa kabiri, We yashoboye gutsinda Satani, Ni We Mana rurema yaje mw’isi, Yemera kwambar’umubiri w’umuntu, Kugira ngw’aducungure twebwe,
Refrain
Reka dutazir’Uhoraho, Kukw’ari We Mana yo gusengwa, Ico yakunze yaragikunze, S’umuntu ngo yihindukize, Urukundo rwayo n’akaburarugero.
Couplet 4
Yesu Krist’amaze kuducungura, Yavuz’ati: “Birakwiye ko ngenda” Asezeranir’abizera bose, Kw’agiye kudutegurir’ibibanza, Kandi kw’azogaruka kutujana.
Refrain
Reka dutazir’Uhoraho, Kukw’ari We Mana yo gusengwa, Ico yakunze yaragikunze, S’umuntu ngo yihindukize, Urukundo rwayo n’akaburarugero.
Couplet 5
Nimuze dushimir’Imana yacu, Kubw’iryo sezerano ridashira, Ubu twiteze kuzobana na Yesu, Tuzokwitegereza mu nyonga hiwe, Imitima yacu yuzuy’inkumbu.