#398
Abana bawe aho turi
Umuco 1
Couplet 1
Abana baw’aho turi hose, Watugabishije nk’abasoda, Ntituz’umusi cank’isah’arik’ushimwe kuko ari We Mugabisha dufise mur’iyi si.
Refrain
Nguy’araje Data wa twese Mwiza, Nguy’araj’ Imana y’abazima, Nguy’araj’ Iman’Isumba vyose, Nguy’araj’ Asezeran’ Agashikana.
Couplet 2
Mwami Yes’ushimwe cane rwose, Ku bw’itoranya ry’Umugeni wawe, Ntiwamutoye kubw’akarang’afis’ariko, Yavuye mu baciye bugufi bo mur’iyi si.
Refrain
Nguy’araje Data wa twese Mwiza, Nguy’araj’ Imana y’abazima, Nguy’araj’ Iman’Isumba vyose, Nguy’araj’ Asezeran’ Agashikana.
Couplet 3
Nyagasani, turagushimiye, Kubw’abakozi bawe vyaguhimbaye, Gukoresha; rushirizaho kubihishurira, Ishengero ryawe ribeho kubw’uguhishurirwa.
Refrain
Nguy’araje Data wa twese Mwiza, Nguy’araj’ Imana y’abazima, Nguy’araj’ Iman’Isumba vyose, Nguy’araj’ Asezeran’ Agashikana.
Couplet 4
Ngwino rero Muvyeyi Mwiza, Ngwino wirerer’abana bawe, Dukuran’ubutwari nk’ubw’Abera bose, Turi hano, twereke inzira tugukorere.
Refrain
Nguy’araje Data wa twese Mwiza, Nguy’araj’ Imana y’abazima, Nguy’araj’ Iman’Isumba vyose, Nguy’araj’ Asezeran’ Agashikana.
Couplet 5
Duhe kugendera mw’Ijambo ryawe, Nkukw’Abera bose vyagenze, Tugirir’Ubuntu muri vyose Mwami, Ivyo dukora bigushimishe, Mwami Yesu.