Indirimbo Zikundwa Open in the app

#389

Nahisemo Yesu kurut’ibindi

Umuco 1

Couplet 1

Nahisemo Yesu kurut’ibindi, Nahisemo Yesu ku butunzi bw’isi, Nahisemo Yesu ngw’anyobore, Mu nzira y’ukuri.

Refrain

Biruta kuba n’umutunzi w’iyi si, Ariko nkaba mu vyaha, Nahisemo Yesu ngw’anyobore, Mu nzira y’ukuri.

Couplet 2

Ubu n’amahoro mu mutima, Kuko nakijijwe n’amaraso yiwe, Nizeye ko n’aza azonjana, Mw’ijur’aho yateguye.

Refrain

Niko na Mpwemu Yera w’Imana, Agum’asemerera, Yuko hahiriwe can’uwusoma, Kandi yama yumvira amajambo, Y’ubuhanuzi... akayitondera, {Kukw’igihe kiri hafi.} x2

Couplet 3

Ubu ndaririmba nezerewe, Kuber’urukundo yankunze ntamuzi, Nzohora mushima mumenyeshe, Abataz’urwo rukundo.

Refrain

Niko na Mpwemu Yera w’Imana, Agum’asemerera, Yuko hahiriwe can’uwusoma, Kandi yama yumvira amajambo, Y’ubuhanuzi... akayitondera, {Kukw’igihe kiri hafi.} x2