Indirimbo Zikundwa Open in the app

#365

Mwa ntore z’imana

Umuco 1

Couplet 1

Mwa ntore z’Imanamugana mw’Ijuru, Kugerer’i Siyoni ah’Umukiz’ari, {Rema mu mitima intambar’izashira, Maze duhabw’ivyiza twacobogoreye.} x2

Couplet 2

Umv’Umwami Yesu abahumuriza, Az’imibabaro kukw’ar’Umuherezi, {Yaciy’aha mw’isi atagir’uburaro, Yikorey’imitwaro y’umusaraba.} x2

Couplet 3

Yamara za mbabazi zadushitseko, Hamwe yavug’ati: «Vyose birarangiye.» {Ubwo nibwo yatsind’ikirego c’ivyaha, N’urupfu rwa wa mwansi yari yatuboshe.} x2

Couplet 4

Mwibuk’Umwami Yes’Umucunguzi, Ni We yabwiy’intumwa ziwe zikoranye, {Ati: «Bana bato humura nezerwa, Kuko So wo mw’Ijuru yabatoranije.».} x2

Couplet 5

Mwibuke na Mukrist’adug’imisozi, Agaca no mu myonga no mu bigoye, {Ni ho yavug’ati: «Mutima humura, N’ubw’unaniwe cane je ndi mu rugendo»

Couplet 6

Inyuma y’imibabaro n’amarira, Umunezero warengey’amarushwa yiwe, {Araramuy’amas’abona ca gihugu Ciza gikayangan’aho yaruhukiye.} x2

Couplet 7

Nawe Shengero waguzw’amaraso, Mbeg’agakiza kawe ntikari ku rugi {Umucunguzi Yesu nguy’agir’aze, Ivyo yasezeranye bizoba bishitse.} x2