Indirimbo Zikundwa Open in the app

#350

Intambara yo kwizera

Umuco 1

Couplet 1

Intambaca yo kwizer’Imana, Ntiyoroshe na gato bene Data, Ni co gituma hahiriwe gusa, Uwuyigwana kand’akayinesha.

Refrain

Harahiriwe... harahiriwe, Uwihanganira iyo Ntambara, Kuk’uwo ni yamara kunesha, Azohabw’ Ubugingo budashira.

Couplet 2

Iyo Ntambara yatanguye kera, Abera ba mbere barayigwanye, Bishimikije Ijambo ry’Imana, Ivyo bibaha kugenda banesha.

Refrain

Harahiriwe... harahiriwe, Uwihanganira iyo Ntambara, Kuk’uwo ni yamara kunesha, Azohabw’ Ubugingo budashira.

Couplet 3

Iyo Ntambara yatsinze benshi, Kandi n’ubu benshi barananirwa, Arikw’ico nzi jewe ni kimwe, N’uk’Umwami Yes’Azoyintsindira.

Refrain

Harahiriwe... harahiriwe, Uwihanganira iyo Ntambara, Kuk’uwo ni yamara kunesha, Azohabw’ Ubugingo budashira.

Couplet 4

Ibi mbabwira s’ivyabaye gusa, Iyo Ntambara n’ub’irabandanya, Twihangane mu mitima yacu, Kukw’izohera Yesu n’Agaruka.

Refrain

Harahiriwe... harahiriwe, Uwihanganira iyo Ntambara, Kuk’uwo ni yamara kunesha, Azohabw’ Ubugingo budashira.

Couplet 5

Mur’iyi misi y’igihe ca nyuma, Urwo Rugamba rurakaze cane, Ivyo vyereka Abizer’Imana, Yuko rugiye kurangira vuba.

Refrain

Twihangane mu mitima yacu, Dushikame, twizer’Umwami Yesu, Kuk’ubu nta gihe gisigaye, Ngw’abanesha bambikwe Ibitsibo.