Indirimbo Zikundwa Open in the app

#342

Mbega ni nde yombwira?

Umuco 1

Couplet 1

Mbega ni nde yombwira jewe, Akambwir’ icatumye Umwami Yesu, Yambar’umubiri agaca bugufi, Akaza mw’isi kandi yar’Imana?

Refrain

Kwar’ukugira ngo wewe nanje, Mwene Data tumenye neza, Kw’ari We Nzira, kw’ari We Kuri, N’Ubugingo budashira ku bizera.

Couplet 2

Ni nde yontahuza vy’ukuri, Akamenyesh’icatumy’ Umwami Yesu, Yemera gupfa ku musaraba, No kuvishw’amazi be n’amaraso?

Refrain

Kwar’ukugira ngo wewe nanje, Mwene Data tumenye neza, Kw’ari We Nzira, kw’ari We Kuri, N’Ubugingo budashira ku bizera.

Couplet 3

Ni nde yonsigurira neza, Akansigurir’impamv’Umwam Yesu, Amaze kuzuk’akazamurwa, Haj’ubushobozi bwa Mpwemu Yera?

Refrain

Kwar’ukugira ngo wewe nanje, Mwene Data twizere neza, Ijambo ry’Imana, kuko Yesu, Ivyo yasezeranye bishika.

Couplet 4

Mbega ni nde kandi yabaye nde, Ugutwi kwiwe kwama kuri hejuru, Y’abasavyi biwe ngw’abarokore, Inama za wa mugwanizi mubi?

Refrain

Uyo n’Umwami, Izina ryiwe, Ni Gitangaza, ni We yaje, Mw’is’arikw’isi ntiyamumenya, Kandi yar’Imana y’Ubushobozi.