#340
Mbere na mbere jambo yariho
Umuco 1
Couplet 1
Mbere na mbere, Jambo yariho, Kand’uwo yahoranye n’Imana, Kand’uwo jambo yar’Imana, Uwo ni We yaremye vyose, {Ndets’uwo Jambo ni We Mukwe.} x2
Refrain
Siyoni niwitegure, Eh’Umukwe waw’Araje, Iyasezeranye ntiyivuguruza, Ntiyihenda kandi ntibesha, Ntiyigez’ireka gushits’Isezerano, N’ubu ntizoreka kurishitsa, {Siyoni ambar’Impuzu z’Ubukwe.} x2
Couplet 2
Ijambo ry’Imana niryo Kuri, Ic’Isezeranye kirashika, N’ubu turafis’isezerano, Humura ntituzomaramara, {Kuko isezeranye ntihindura.} x2
Refrain
Siyoni niwitegure, Eh’Umukwe waw’Araje, Iyasezeranye ntiyivuguruza, Ntiyihenda kandi ntibesha, Ntiyigez’ireka gushits’Isezerano, N’ubu ntizoreka kurishitsa, {Siyoni ambar’Impuzu z’Ubukwe.} x2
Couplet 3
Abizey’Ijambo ry’Uhoraho, Uko ryavuzwe n’abahanuzi, Ku vy’ukuvuka kw’Umucunguzi, Basanze vyose ko ar’ukuri, {Kuko ivyo bavuze vyarashitse.} x2
Refrain
Siyoni niwitegure, Eh’Umukwe waw’Araje, Iyasezeranye ntiyivuguruza, Ntiyihenda kandi ntibesha, Ntiyigez’ireka gushits’Isezerano, N’ubu ntizoreka kurishitsa, {Siyoni ambar’Impuzu z’Ubukwe.} x2
Couplet 4
Abizey’Ijambo ry’Uhoraho, Uko ryavuzwe n’Umwami Yesu, Ku vy’ukuza kwa Mpwemu w’Imana, Basanze vyose ko ar’ukuri, {Kuko ivyo yavuze vyarashitse.} x2
Refrain
Siyoni niwitegure, Eh’Umukwe waw’Araje, Iyasezeranye ntiyivuguruza, Ntiyihenda kandi ntibesha, Ntiyigez’ireka gushits’Isezerano, N’ubu ntizoreka kurishitsa, {Siyoni ambar’Impuzu z’Ubukwe.} x2
Couplet 5
Abizer’Ijambo ry’Uhoraho, Uko rivugwa n’intumwa ziwe, Ku vy’izamurwa ry’Umugeni, Bazosanga ko vyos’ar’ukuri, {Kuko ivyo zivuga bizoshika.} x2
Refrain
Siyoni niwitegure, Eh’Umukwe waw’Araje, Iyasezeranye ntiyivuguruza, Ntiyihenda kandi ntibesha, Ntiyigez’ireka gushits’Isezerano, N’ubu ntizoreka kurishitsa, {Siyoni ambar’Impuzu z’Ubukwe.} x2
Couplet 6
N’ubu turafis’Isezerano, Uwasezeranye turamuzi, Uko yamye na n’ubu niko ari, Kuko uwo nta h’ahindagurika, {Yama arind’Ijambo yavuze.} x2