#332
Niyumvira yukw’iyi, mibabaro.
Umuco 1
Couplet 1
Niyumvira yukw’iyi mibabaro, Idakwiye kugereranywa, N’ubwiza tuzohishurirwa, Ni twaguma mu kwizera, Tukizer’Ijambo ry’Imana.
Refrain
Ijambo ry’Imana niryo rivuga riti, Nimurongorwe na Mpwemu Yera, Kukw’ abaganzwa n’uyo Mpwemu, Bazotsinda, bakaragwa Ubugingo.
Couplet 2
Niwibuke urukundo rw’Umukiza, Wa musi yazur’umwe Lazaro, N’uko Yesu ari We kuzuka, Na ya nzira imwe ishikana, Mw’Ijuru ku Mana Data.
Refrain
Ijambo ry’Imana niryo rivuga riti, Nimurongorwe na Mpwemu Yera, Kukw’ abaganzwa n’uyo Mpwemu, Bazotsinda, bakaragwa Ubugingo.
Couplet 3
Ko Imana yatumenye kuva kera, Ngo dushushanywe n’umwana wayo, Mbeg’amahirwe twagiriwe, Yo kuzotaha bwa Bukwe, Bw’Umwami wacu Yesu Kristo.
Refrain
Ijambo ry’Imana niryo rivuga riti, Nimurongorwe na Mpwemu Yera, Kukw’ abaganzwa n’uyo Mpwemu, Bazotsinda, bakaragwa Ubugingo.
Couplet 4
Harahiriw’abari mu kuzuka, Kwa kuzuka kwa mbere kw’Abera, Bahora bashingir’intahe, Yesu n’Ijambo ry’Imana, Nibo bazoganzanya na We.
Refrain
Ijambo ry’Imana niryo rivuga riti, Nimurongorwe na Mpwemu Yera, Kukw’ abaganzwa n’uyo Mpwemu, Bazotsinda, bakaragwa Ubugingo.
Couplet 5
Mbon’abicaye ku ntebe z’Ubwami, Bahabwa bose ubucamanza, Abera baragwa ubugingo, Abanyavyaha urupfu, Mbega nawe uzob’uri he?