Indirimbo Zikundwa Open in the app

#330

Umuco w’imana nguyo

Umuco 1

Couplet 1

Umuco w’Imana nguyo waraje, uratumurikira, Na n’ubu uracariko urakora, Mw’ihanga ry’Imana Yera.

Refrain

Uwo Muco n’Ijambo Rizima, Ushoboye kuryihanganira, Azomuhanagur’ amarira, Haleluya! Azomwambika na ca Gitsibo, Haleluya! Iryo n’Isezerano ry’Umwami.

Couplet 2

Inkingi y’umuriro ni yo, yarongora Abisirayeri, Ico ni co kimenyetso cabaha, Inkomezi mu Rugendo.

Refrain

Uwo Muco n’Ijambo Rizima, Ushoboye kuryihanganira, Azomuhanagur’ amarira, Haleluya! Azomwambika na ca Gitsibo, Haleluya! Iryo n’Isezerano ry’Umwami.

Couplet 3

Nimuze twinjire mw’Ijambo, ry’Imana niryo bendera ryacu, Tubone kwinjira mw’isezerano, Ryahaw’abana b’Imana.

Refrain

Uwo Muco n’Ijambo Rizima, Ushoboye kuryihanganira, Azomuhanagur’ amarira, Haleluya! Azomwambika na ca Gitsibo, Haleluya! Iryo n’Isezerano ry’Umwami.

Couplet 4

Yesu ni We Jambo w’Imana, ni We vyizigiro vyacu, Uwumwizeye ntaziger’Amuheba, Ni ko yabisezeranye.